Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni ryari wobwira umuntu uti: « Ndagukunda » - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ni ryari wobwira umuntu uti: « Ndagukunda »

Ni ryari wobwira umuntu uti: « Ndagukunda »

mardi 30 Ndamukiza 2013

Hari icirwa cakozwe n’abahinga , basanze akajambo "ndagukunda" ari akajambo kumvikana mu matwi nk’ agasosa kandi kumvikana neza, ako kajambo kagaragaza urukundo eka n’ibishobisho uba ufitiye umuntu igihe umubarira ngo ndagukunda.

Ariko rero iryo jambo ngo ntiryorohera abantu benshi kuvuga, hari abaritinya, bakumva borivuga, ariko ururimi rugaca rugoba. None hoba ari ryari umuntu yovuga ijambo ndagukunda ? Ni uyuhe mwanya mwiza umuntu yoshikiririza iryo jambo ?

Kenshi na kenshi, mumpera z’iyinga, abantu baruhutse canke bafashe umwanya mwiza wogusangira, ikindi gihe naco ngo ni ku munsi wa gatandatu igihe c’isaha zine z’joro. Kuri uwo munsi, abubakanye canke abakundana , kuri iyo saha nyene baba bamerewe neza mu rukundo, kuko benshi baba bataroye kukazi baba kandi birirwanye mu hira, ugasanga biriwe barasangira urukundo muhira, bagaheza bagakoresha imvugo y’ibicuba mu kwerekana ahagera ibishobisho vyabo.

Mu vyirwa vyakozwe n’abahinga, abantu 4 kw’icumi bavuga ijambo ndagukunda ,mu gihe bamaze gusangira urukundo, ni ukuvuga mu gihe bamaze kurangura amabanga mpuzabitsina.

Ariko hari n’abandi batigera bacisha iryo jambo ndagukunda mu kanwa kabo bisigura yuko abo bantu baba bafise igice c’ibishobisho ugereranije n’abavuga ngo ndagukunda.

Abandi nabo baravuga ako kajambo ndagukunda, ariko ngo hari aho riba ryuzuyemwo ububeshi gusa,vyiza iryo jambo ryoherekezwa n’ibikorwa.

Ivyotuma ubarira umuntu ko umukunda rero ,hoba nk’igihe uriko urashikiriza nk’icivugo c’urukundo, ariko rero iyo iryo jambo rigumye mukanwa rirateba rigata akanovera, ugasanga wagumye urivuga ,uwuriko uraribwira ntagaciro aribiha , kuko na kare ngo ijambo rihora mukanwa rigacika inkonda
.
Ikindi gihe wobarira umuntu ko umukunda ngo ni igihe muryamye, ngo muri ico gihe abakundana babwirana amajambo yoroshe gusa, haba abakobwa canke abahungu, bose bavuga buhoro buhoro , bongorerana, kuburyo akajambo kose gaciye mu gutwi wumva karyoshe cane.

Abahinga muvy’urukundo bavuga ko ibice 41 kw’ijana babwira iryo jambo ndagukunda abagenzi babo mu gihe bahejeje gusangira urukund, bariko barabashimira kukuntu baryohewe canke ingene vyagenze kuri uyomunsi.

abandi36 kw’ijana nabo bavuga iryo jambo mu gihe wabafashije igikorwa kigoye, igikorwa yabonye ko atari kwishoboza iyo atakubona nayo 23 kw’ijana ngo bavuga iryo jambo ndagukunda iyo wabafashije ibikorwa vyo munzu.

Ijambo rero ndagukunda rikoreshwa n’abantu bakundana kenshi, ndetse ugasanga nk’iyo umukunzi wawe yarimenyereye, bishitse umunsi wose ugahera utamubariye ko umukunda ikaba intandaro y’ishavu canke akabona ko uriko uramuhararuka.
Ibice 35 kw’ijana vy’abakundana barabwirana akajambo ndagukunda imbere y’uko baja kukazi , abandi ,32 kw’ijana nabo bakabwirana akajambo ndagukunda igihe bahejeje kuvugana kw’iterefone.

Ariko rero hariho n’imvo nyamukuru zishobora gutuma ubwira umuntu ko umukunda,nazo ni izi :

1. Imbere y’ukuryama

2. Iyo wishuye nk’agakete canke ubutumwa bwa message kuri terefone ngendanwa, uheraheza uvuga uti : « Ndagukunda »

3 .Igihe umukunzi wawe ahejeje kukuvugira igicuba

4 .Iyo mwaryohewe Muriko murasangira.

5.Iyo muhejeje kurangura amabanga mpuzabitsina

6.ku munsi wo kwibuka itariki y’ amavuka

7.Mu gusubiriza mu nkoko iciza yakugiriye.

8 .Iyo wanezerejwe n’ibikorwa yakoze

9.Iyo wagiriye impuhwe mugenzi wawe

10.Iyo ubonye ubwiza bwa mugenzi wawe, bivanye n’uko yambaye canke uko yisize mu maso.

11.Ahejeje kugutwengara ata gahemo karimwo

12.Iyo muriko murakina mudigadigana

13.Iyo yaguteguriye imfungurwa nziza

14.Iyo akuzaniye akantu yaguteguriye atavyo wari witeze

15.Iyo muriko murarangura amabanga mpuzabitsina

16.Iyo mugenzi wawe yumva yarengewe n’ibishobisho

17.Iyo mugenzi wawe yiteguye ngo murangure amabanga mpuzabitsina

18.Iyo usanze mugenzi wawe yagukoreye igikorwa uteri witeze

19.Iyo mugenzi wawe yakunezereye mu mabanga mpuzabitsina

20.Iyo muryohewe


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.