Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni izihe ngaruka zihari ku bana batonswa ku rugero rukwiye? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ni izihe ngaruka zihari ku bana batonswa ku rugero rukwiye?

Ni izihe ngaruka zihari ku bana batonswa ku rugero rukwiye?

samedi 24 Myandagaro 2013

Mu bushakashatsi bwakozwe kw’isi yose, vyaragaraye ko iyo umuntu adafungura neza, amagara yiwe ahasinzikarira, yaba umwirabure canke umuzungu, yaba umwana canke uwukuze. Mugabo akenshi abana bato nibo bakarirwa cane.

« Abana batonkejwe ku rugezo rukwiye bafise amahirwe menshi yo kutamererwa aneza mu nda, ugasanga baguma baruka utwo bafunguye, bagacibwamwo canke bakagira n’ubundi bubabare. Bene abo bana nibo babangamiwe kurusha abandi», ibivugwa na Amelie Nijimbere, muganga araba ivy’amagara y’abana.

Igihimba ca mbere kibangamirwa, n’umushishito wabo kuko iyo abo bana batonkejwe neza, baca babaha amata asanzwe kandi umushishito wabo uba utarakomera, ari nayo aca atuma umushishito ugira ingorane. Ayo mata aba yasubiriye amaberebere ya nyina, ntaheza ngo ahoke neza mu nda kuko harimwo amavuta menshi muriyo, amavuta atuma n’umushishito uremerwa. Ikindi naco, iyo batonse k’urugezo rukwiye, baguma basevura, imibabaro abana bose bari munsi y’amezi atatu bagira. Amata meza kuri abo bana n’amaberebere ya nyina kuko yo atabinure bigirira ingaruka mbi umwana agira.

Ayandi mata yose, n’ubwo yoba ari ayahanuwe gufata, canke yoba atetse neza, yama arimwo akantu katari keza ku bana batarakwiza amazi atandatu. Niyo bayamuhanye n’amaberebere, biragira ingaruka atari nziza. Batamuhanye amata yonyene, umwana ashobora kuguma acibwamwo, ntiyoroherwe mu nda n’imibabaro idasanzwe agira. Abashakashatsi batari bake mu bijanye n’amagara y’abantu, baremeza neza ko iyo umwana atarakwiza amezi atandatu asabwa kunywa amaberebere ya nyina gusa, bamuhaye ayandi mata, ari amata y’inka canke yo mu makopo, bishobora gutuma umwana yama agumiwe, akanaguma agira umwanda muto kenshi.

Ku bijanye naho no guhema k’umwana be no kubona kwiwe, muganga Amelie Nijimbere abandanya avuga ati : « ibinure bivuye mu yandi mata atari aya nyina, biratera afuerutira akagira uduherehere ku mubiri, akanakorora cane kurusha abandi. N’abana kandi baguma barira cane kandi ku mwanya ku mwanya ». Ku bakenyezi banywa itabi kandi bonsa, muganga Amelie yamenyesheje ko itabi riba irizimvye canke risanzwe, riguma ari ikiyayuya mutwe. Iyo abakenyezi bama banywa itabi n’inzoga iminsi yose, ivyo bishobora kugirira ingaruka mbi umwana kuko muri izo nzoga n’itabi, harimwo ubumara bubuza ibihimba vy’umubiri w’umwana gukomera, na cane cane ko ubwonko bwiwe budaheza ngo butere imbere. Mu buzima bwabo bwa minsi yose naho, bashobora kumera nk’abana badakerebutse, bakaba n’abana batagira itiro.

Yahanuye ko abavyeyi bokwitaho cane kwama bonsa abana babo, kandi k’urugezo rukwiye na cane cane abana batakwiza amezi atandatu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.