Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni izihe nyifato umukenyezi yogira mu gihe yibungenze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Ni izihe nyifato umukenyezi yogira mu gihe yibungenze

Ni izihe nyifato umukenyezi yogira mu gihe yibungenze

samedi 20 Ndamukiza 2013

Iyo umukenyezi yibungenze usanga ari umuntu afise amagara make, ntaba agikora icarico cose, amagara yiwe yama abangamiwe mu gihe atitaweho.Akaba ariwo mwanya rero mwiza ukenewe cane k’umukenyezi yo bungabunga amagara yiwe,haba mu buryo bw’umubiri,haba mu buryo yitwara. Yigenjeje neza mu kubungabunga amagara yiwe, agira amahirwe menshi yo kuzovyara neza, akazovyara n’umwana afise amagara meza.

Aho umuntu yoca yibaza ukungene umukenyezi yibungenze yokwigenza gushika yibaruke. Impanuro ntiziri kure.

Nazo ni izi:

1.Umukenyezi yibugenze akwiye kwama aja gupimisha imbanyi yiwe.

Ni vyankenerwa ko imbanyi ikurikiranwa neza kugira umwana aze avuke mu buryo bwiza. Gukurikiranwa n’uwanonosoye ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, birahumuriza abakenyezi bibungenze kubw’amagara y’ibibondo baba bibungenze.

2.Gugufungura neza harimwo n’imfungurwa nsanganyangaburo

Ntibikenewe ko yorinda gufungura imfungurwa za babiri ngo n’uko yibungenze. Ahubwo, igikenenewe n’uko yofungura ibikenewe gusa. Abakenyezi benshi bibungenze usanga baba batagishobora gufungura indya zose. Muri ico gihe, ni vyiza gusubiriza ivyo bitakunda kwafungura, n’ibindi bimworohera gufungura.

Ni vyankenerwa kandi ko umukenyezi yibungenze afungura ivyamwa vyinshi n’imboga nyinshi. Vyanse yihate atume afata n’ivyamwa na bitanu gusa. Bongere bafate imfungurwa nyinshi za ntanganguvu, nk’imikate n’imiceri. Ntitwokwibagira n’imfungurwa ndemamubiri, aho bigasabwa kwama afungura ifi canke, inyama, amagi be n’amata. Bikaba bibujijwe gusimba gufungura n’umwe umwanya wabigenewe, bakirinda no kuza baratoragura igihe cose ivyo babonye vyose .

3.Kwama bagavye igihe cose ku bijanye n’isuku ry’ibifungurwa

Hari imfungurwa zimwe zimwe umukenyezi asabwa kwahagarika mu gihe yibungenze kuko zimwe zishobora kugirira ingaruka mbi umwana ari mu nda. Hakaba hari n’izishobora gutuma imbanyi inakoroka, canke ugasanga ziteye indwara umwana. Zimwe muri izo zikunda kwigaragaza mu maforomaji. Ikindi naco co kwirinda gufungura ku mukenyezi yibungenze, ni inyama zokeje, no gufata ivyamwa canke imboga adakaravye neza mu ntoke imbere y’uko abifungura.

4.Gufungura ifi n’imfungurwa zirimwo ”acide folique”

Ikintu kimwe ca nkenerwa cane mu bijanye n’imfungurwa umukeneyezi yibungenze, ni ”acide folique” ari yo ingaburo B9 kuko ifasha gukingira ivyo bita ”spina bifida” n’ibindi vyohava bituma umwana avuka adafise ibihimba bikwiye. Iyo spina bifida , ikaba ariyo ituma umwana avuka atameze neza. Ivyo navyo bigatuma umwana aba ikimuga.

Bikaba bihanuwe ko umukenyezi wese azoba ashaka gutwara imbanyi, yobanza gufata ku munsi, amagarama agera ku 400 y’iyo acide folique nk’amezi make imbere y’uko asama imbanyi, ivyo navyo akabifata gushika ku mezi atatu y’imbanyi azoba afise.

5.Kwama yinonora imitsi iminsi yose

Niyinonora imitsi kenshi, bizotuma akomera, ntazonaremerwa cane n’imbanyi, eka mbere no mu kuvyara, bizomubera icoroshe cane. Kwinonora imitsi kandi bituma yama anezerewe n’umwana ari mu nda bituma yidagadura neza. Ariko ni ukugira hange, kuko umukenyezi yibungenze ntakwiriye kwinonora imitsi uko ariko kwose, kuko yohava agwa, canke agahava ababaza umwana. Bahanura rero kugira ivyiyoroheje, nko kwoga mu mazi, gutambuka bukebuke, hamwe na yoga.

6.Ni guhagarika kunywa inzoga

Ikintu cose citwa inzoga, kirashikira umwana ari mu nda biciye mu maraso no mu ngovyi aba arimwo. Kubw’ivyo, birabujiwe cane kunywa inzoga mu gihe yibungenze.
Abakenyezi banywa kenshi inzoga nyinshi mu gihe bibungenze, bagira ingorane kuko bibaruka abana bafise ingorane bise ”SAF”(Syndrome d’alccoolisation foeutale) canke bikabagora mu gihe bariko baribaruka.

7.Kugabanya gufata ibirimwo ikawa

Ikawa, icayi n’amafanta, birimwo ibintu bituma umutima utera cane. Abashakashatsi benshi bavuga ko ikawa nyinshi mu mubiri iri mu bituma umwana avukana ibiro bigoyagoya. Ngo vyiza ni gusubiriza iyo kawa, umukenyezi yibungenze agafata nk’imitobe y’ivyamwa canke akanywa amazi menshi.

8.Guhagarika kunywa itabi

Itabi ku mukenyezi yibungenze,rituma kenshi imbanyi yiwe ikoroka, canke akavyara umwana atari bwagere kuvuka, canke adakwije ibiro. Kunywa itabi mu mezi atatu ya mbere, bishobora kugira ingaruka mbi ku mwana kuko ashobora kwandura indwara bise ”bec-de –lievre".

9.Kuruhuka umwanya ukwiriye

Nivyankenerwa cane kuruhuka ku mukenyezi yibungeze kubw’amagara y’umwana. Iminota mirongo itatu irakwiye ku munsi kugira aruhuke ariko akama abigira iminsi yose.

Umuvyeyi wese yibungenze n’uwipfuza wese umwana, arakwiye gufata nkankama izi mpanuro duhawe n’uyu murongo ngurukanabumenyi www.babycenter.fr.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.