Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Niamey : Abakirisu ntiborohewe inyuma y’ibicapo vya Charlie Hebdo
Niamey : Abakirisu ntiborohewe inyuma y’ibicapo vya Charlie Hebdo
dimanche 18 Nzero 2015
I Niamey ku mugwa mukuru w’igihugu ca Niger amashengero agera ku ndwi y’abakrisu niyo yaturiwe mu gihe abasiramu bariko biyamiriza ikinyamakuru Charlie Hebdo.
Muri iyo migumuko, abantu batanu bakaba bapfuye, abandi batanu barapfa mu gisagara ca Zinder, kigira kabiri nayo abakirisu bagera kuri 255 bakaba bacungiwe ubuzima n’abasirikare b’igihugu. Kuri uyu wa gatandatu rero abakirisu bakavuga ko bagizweko ibitero bidasanzwe n’abo basiramu bariko biyamiriza ico kinyamakuru Charlie Hebdo co mu gihugu c’Ubufaransa. Abari muri ayo madini yemera Yezu bakavuga ko bahatoye abasirikare, inyuma yaho amashengero yabo atuririwe.
Mukamenya ko n’amashirahamwe amwe amwe y’igihugu c’Ubufaransa akorera muri ico gihugu, canke amazu y’ubunywero ategamiye abari mw’idini rya Islam yabomowe.
Aristide Nizigire
Messages
18 Nzero 2015, 13:08, par mayukarenova
nihatari umuhero wisi uregerej
18 Nzero 2015, 15:55, par mahwi
rungika ingabo z’uburundi zije gutabara se mwavyaye mugaheka
18 Nzero 2015, 16:30, par Rita NAHIMANA
ibimenyetso vyibihe , ibimenyetso vyibihe......
19 Nzero 2015, 12:54, par mugisha
muvyukuri abafaransa nabasotozii mbega ko aba Islam batara chapa yesu vyagashinyaguro kurya nukuvugako aruko boba batazi guchapa?none raba abafaransa baduteye ubukoroni bwubukene banyakuranduka none bakomeza bakwegera abandi ingorane barashisha.
11 Gitugutu 2016, 13:38, par CYRIAQUE
NUMWIHANGANE KUKO ARISEZERANO YESU YAVÙ ATI NIBABATUKA BAKABAREMEKA AMABI KUBWANJE MUZOBA MUHIRIWE .