Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nicolas Sarkozy yahagaritswe n’ubutungane bw’igihugu c’Ubufaransa
Nicolas Sarkozy yahagaritswe n’ubutungane bw’igihugu c’Ubufaransa
mardi 1er Mukakaro 2014
Nicolas Sarkozy yahoze arongoye igihugu c’Ubufaransa yahagaritswe n’ubutungane bw’igihugu ciwe, kubw’icaha yagirizwa co gukoresha amafagitire za magendu (fausses factures).
Bubaye ubwa mbere aho uwahoze arongoye Reta y’Ubufaransa ku ntwaro ya 5 ya Republika, arengutswa imbere y’ubutungane kubazwa ivyo yagirizwa. Kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 1 Mukakaro 2014, Nikolas Sarkozy akaba ariho yahagarikwa n’ubutungane kugira arenguke imbere y’amategeko.
Irengutswa rya Nicolas Sarkozy imbere y’ubutungane ribaye mu gihe hari hitezwe ko agaruka ku rubuga rwa poritike kugira arabe ko yosubira gutwara umugambwe aturukamnwo wa UMP usanzwe utavuga rumwe n’ubutegetsi.
Igihe c’isaha 12 zo mu gitondo, kw’isaha mpuzamakungu, akaba ariho yurizwa imodoka imujana ku nyubakwa nkuru y’igiporisi c’inyamiramabi i Nanterre, kugira abazwe ivyo yagirizwa. Abajejwe kugira amatohoza bo kuri birigade ijejwe kurwanya igiturire begukira igiporisi c’inyamiramabi akaba aribo bategekenijwe kwumviriza uwahoze arongoye Reta y’Ubufaransa, mu kiringo c’amasaha 24.
- Nicolas Sarkozy
Mwomenya ko Thierry Herzog, umushingwamanza wa Nicolas Sarkozi yari yahagaritswe kuva ejo ku munsi wa mbere, igenekerezo rya 30 Ruheshi ari kumwe n’abandi bacamanza babiri Gilbert Azibert na Patrick Sassoust bagarizwa muri urwo rubanza nyene.
Mariella Bukuru
Messages
3 Mukakaro 2014, 10:28, par noir et fièr
ico munshirirayo iminsi asigaje kw’isi... Ivyo yagiriye khadafi imana izobimubaza uyo mugabo atashaka iterambere rya africa