Accueil > Amakuru > Mu makungu > Niger : Amashengero 45 yaturiwe
Niger : Amashengero 45 yaturiwe
lundi 19 Nzero 2015
Amashengero mirongo ine n’atanu niyo yaturiwe mu migumuko yabaye muri Niger, izindi nyubakwa zirasahurwa urukomba amazi imbere y’uko zidomekwa umucanwa nazo.
I Niamey muri Niger ibintu bitari bike vyarononekariye mu myiyerekano yabaye yo kwiyamiriza ibicapo vya Charlie Hebdo vyerekanywe mu kinyamakuru casohotse mu mpera y’ino ndwi turangije.
Amashengero mirongo ine n’atanu niyo yaturiwe mu migumuko yabereye muri Niger, biyamiriza ibicapo vya Charlie Hebdo, nk’uko vyashikirijwe kuri uno wa mbere n’umuvugizi w’igiporisi c’igihugu c’aho muri Niger.
Ibintu vyinshi bikaba vyahononokeriye : amashengero 4 yaturiwe, amahoteri atanu, irerero ry’impfuvyi hamwe n’ishure rimwe vyasahuwe imbere y’uko riturirwa, nk’uko Adily Toro umuvugizi w’igiporisi abandanya abishikiriza mu kiganiro n’abanditsi
n’abamenyeshamakuru.
Muri iyo myiyerekano nyene abantu batanu bitavye Imana, hamwe n’abandi 128 bakomeretse, n’abandi 189 bahagaritswe.
Floxella Karire
Messages
19 Nzero 2015, 20:44, par Cyrille
Ndasengeye abakirisu bo Niger,Imana ibahorere ihane abakorera ikibi.Idini ribuza umutekano abantu n’abana b’Imana mw’IZINA RYA Yesu risambuke abarigize basabagizwe.Ico kinyamakuru mbega cavuze Uwutovugwa?Ko hari abagiriza Yesu ko yabambwe kubera yivye imbaho,Abakristo ko tutigaragamvya?Muhamadi icari muriwe turakibona mubigishwa biwe!Namba biruko abo yahenze Imana Y’UKURI,Imwe iboneka mukuri izobakorera ibisumba ivyo bakorera abandi.Ndibutsa abansi ba Yesu ko atabukiriro bw’igicumuro bafise Iherezo ryabo nuguhona.Baravumwe abaturiye ingoro zikoraniro z’abakristo.
19 Nzero 2015, 23:19, par Nuwera
Jewe nanje ndavuga nti: nubwoyoba aba ckristo bakaja guturira amashengero ( imisigiti) yaba Islam nkakokagene twebwe aba kristo ahoturihose twovyiyamiriza. Kubwivyorero nizereko aba Islam ko bakwiye kwiyabiriza abakose iryoshano ryoguturira ayandibasengero ya ba ckristo. Kuko abobaturiye ayomasengero nubwobiyitiriye aba Islam ntabwo arabisiramu basanzwe nkabadusanzwe dukorana ibikorwa vyamisiyose jewe ukwonikwo ndavyibaza.
30 Myandagaro 2016, 12:38, par NDIHOKUBWAYO jerome
none wumva aribande badometse uwo mucanwa?