Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: 44 bahitanywe n’igitero ca Boko Haram
Nigeria: 44 bahitanywe n’igitero ca Boko Haram
mardi 7 Mukakaro 2015
Mu gihugu ca Nijeriya,umuhari w’abaislamu Boko Haram ubandanya ugira ibitero mu bice bitandukanye,aho utega ibisasu bigahitana abantu batari bake.
Kimwe mu bisasu vyaturikijwe, caguye mu nzu yo gufunguriramwo yuzuye abantu,
inyuma y’umwanya mutoyi, hatewe ibindi bisasu mu musigiti.
Humvikanye amasasu menshi mu bantu bari hanze y’uwo musigiti imbere y’uko umwiyahuzi yiturikirizako igisasu.
Amakuru ava aho muri Nijeriya avuga ko bishoboka ko uwo musigiti woba watumberewe kubera umwigisha w’idini yaneguye umuhari Boko Haram igihe yariko yariko yigisha muri wo.
Ivyo bitero vyagirizwa Boko Haram, co kimwe n’ibindi vyagizwe mu ndwi iheze, vyahitanye abantu batari munsi y’amajana abiri.
Van Naris Mugisha
Messages
7 Mukakaro 2015, 10:53, par Scott
Ivyahanuwe vyarashitse mugabo ntitubibona,Igihe c’imperuka muzumva INTAMBARA n’impuhwa z’INTAMBARA aho nzoba ndibugufi, azoba ari intango y’imibabaro. Ubwami buzotera ubundi,Ishengero ritere irindi. Hasigaye iki? Ubu uriko wumviriza ibinyamakuru urumvako isi yose ari intambara tube maso YESU agiye kuza vuba twame tugavye.
7 Mukakaro 2015, 11:58, par Sadrick
mana fasha afrika turageramiw uduh umutima wurukndo!
7 Mukakaro 2015, 12:00, par Sadrick
mana fasha afrika turageramiw uduh umutima wurukndo!
9 Mukakaro 2015, 17:55, par GLORIA
DUFASHE MANA
11 Mukakaro 2015, 17:23, par ROJERI
Manafasha.Nigeriairageramiwenibiterovyintagodwazabisiramu