Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Nigeria: Abafashwe bariko barenga ibigo bategetswe kugenda bari gusa mu (...)
Nigeria: Abafashwe bariko barenga ibigo bategetswe kugenda bari gusa mu gisagara
vendredi 27 Nyakanga 2013
Abafashwe bariko barashurashura mu gisagara ca Orokam Obadigbo mu Buseruko bw ‘igihugu ca Nigeria, bategetswe kugenda mu gisagara bari ukwo Imana yabaremye.
Abo bariko barashiurashura bakaba bose bari bubattse, uretse ko umugore yari yapfakaye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 24 Nyakanga, aca afatwa inyuma y’iminsi ibiri gusa umugabo wiwe ashengeye, ni ukuvuga ko yafashwe bakiri mu kigandaro. Uyo mugore akaba yafashwe n’abagize umuryango w’umugabo wiwe, baca bamutegeka kugenda ari gusa mu mabarabara yose y’igisagara, co kimwe n’umugabo basanze baryamanye.
Ukwo kumaramaza abafashwe bariko barashurashura rero kukaba kuri mu mico y’ico gisagara, umuco witwa Alekwu, usaba guhana abafashwe bariko bararenga ibigo ukwo, bakabahanisha kubazungurukanisha igisagara cose n’amaguru, atagahuzu na kamwe kabari ku mubiri wabo. Ico gihano rero kigatuma abafise agatima ko guca inyuma abo bubakanye, gitinywa, umwe wese akubaha uwo babana.
Ico gihano kiramaramaje kandi kirakomeye cane, kuko abantu bose usanga buzuye amabarabara , bakuraba nk’agahabwa. Ico gihano kigashobora mu minsi n’uguhinduka ico kwicwa, nk’uko amakuru abandanya avuga, amakuru ava muri ico gisagara c’igihugu ca Nigeria.
Aristide Nizigire
Messages
27 Nyakanga 2013, 12:37, par harerimana aime
icogihano cari gikwiye no muburundi kuko abantu vyanse ko batinya imana bophuma batinya kuzunguruka igisagara bari gusa
28 Nyakanga 2013, 16:19, par KWIZERIMANA Dieudonne
yooh!birakomeye!ikibabaje nibaza nuko ico gihano hariho umugwi ataco wokibwira nkaba professionelle de sexe
6 Gitugutu 2013, 14:53, par ntirabampa p claver
ahubona nakamaramaza kuzungurukigsagara uriguse birarenze pe
5 Myandagaro 2017, 13:28, par Angel
nibamp Inomer Zabo Kuk Ndabakeneye Kubaterefon Ico Ndababaza