Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Abahuza ibitsina babisangiye ntiborohewe
Nigeria : Abahuza ibitsina babisangiye ntiborohewe
mardi 27 Nzero 2015
Imisore cumi n’ibiri niyo yahagaritswe mu gisagara c’i Kano mu Buraruko bwa Nigeria. Bagirizwa ko boba bariko bategura ubukwe bwa bagenzi babo basangiye ibitsina, nk’uko bimenyeshwa n’ikigo kijejwe kwubahiriza amategeko y’idini rya Islamu.
Muri ico gihugu ukwubakana hagati y’abasangiye ibitsina ni ikizira no mu mategeko barabibuza, mbere mu mwaka uheze harashizweho itegeko rishasha rivyiyamiriza.
Mu Buraruko bwa Nigeria, aho itegeko ry’idini rya Islamu ryubahirizwa bifatanye n’inzego z’ubutungane, uguhuza ibitsina ku babisangiye bijana n’igihano co gupfa ariko ngo ni gake bamaze guca urwo rubanza.
Muri iyo misore cumi n’ibiri yari aho, abenshi baracari imiyabaga, bakaba bahagaritswe kuri uno wa mbere. Umwe mu bagomba bakore ubwo bukwe nawe nyene akaba yahagaritswe ariko rero iyo misore ikaba yarahiye irarengwa ko itari mu bukwe, ahubwo ko yariko irinezereza yigina isabukuru y’amavuko ya bamwe muri bagenzi babo. Icatumye bafatwa rero bakavuga ko ari uko benshi muri bo bari bafise inyifato imeze nk’iyabigeme. Bamwe rero muri iyo miyabaga baciye barekurwa abandi nabo bakaba basigaye bafunzwe. Imiryango yabo ikaba yaratumweko mu butungane.
Tubamenyeshe ko ngaho mu gihugu ca Nigeria, itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye rihanishwa umunyororo w’imyaka 14 kuri uwo wese icaha cagiriye.
Floxella Karire
Messages
28 Nzero 2015, 11:19, par cLOVIS
Iyo babacumita imigeto inyuma ......ishushe rero muradutukishije twebwe BAGABO