Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Abantu 47 bapfuye,abarenga 50 barakomereka mu gitero (...)
Nigeria: Abantu 47 bapfuye,abarenga 50 barakomereka mu gitero c’abihevyi
mercredi 12 Myandagaro 2015
Abantu 47 barapfuye abashika 50 barakomereka mu gitero cakozwe mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nijeriya kuwa kabiri igenekerezo rya 11 Myandagaro,mu gace kabangamiwe n’ibitero vy’umurwi Boko Haram.
Umuvuzi ku bitaro vy’ahitwa Biu muri Reta ya Borno yavuze ko ico gitero cabaye inyuma y’umutaga amasha haba hari uruja n’uruza runini,abakomeretse nabo babazana bavuye kw’isoko iri mu gace kitwa Sabon Gari.
Amakuru y’ivyononekaye aremezwa kandi n’igisirikare aho cemeza ko abantu 47 aribo bapfuye,52 nabo barakomereka.
Van Naris Mugisha
Messages
12 Myandagaro 2015, 09:13, par Jean Baptiste
Abihebyi Kobaba Benshi Muri Africa?
12 Myandagaro 2015, 11:04, par CITEGETSE ALBERT
Mana tugarukire abanyafrika...mbega tuzoronka amahoro ryari?
13 Myandagaro 2015, 20:27, par MANIRAMBONA PASCAL
MUKURI BIRABABAJE KWAKA UMUNTUBUZIMA UTAMUHAYD IMANA IBABABARIRE KUKO BATAZI ICOBAKORA