Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Abantu 9 bapfuye bahitanywe n’ibitero
Nigeria: Abantu 9 bapfuye bahitanywe n’ibitero
vendredi 17 Mukakaro 2015
Igisirikare ca Nijeriya kimenyesha ko abantu bashika cenda biciwe mu bitero bibiri vy’abiyahuzi bakoresheje amabombe mu buseruko bushira uburaruko bw’igisagara ca Damaturu.
Igisirikare cavuze ko abiyahuzi babiri bose bari abakenyezi, umwe yari umukecuru, uwundi yari umwana muto w’imyaka cumi y’amavuko.
Ayandi makuru avuga ko igitigiri c’abapfuye kirenga ico cashikirijwe n’igisirikare c’igihugu.
Kimwe mu bitero cakozwe io yo guhimbaza umunsi mukur wa Eid al Fitr, urangiza amafungo ya Ramadani ku ba isilamu.
Ibitero nk’ibi vyagirizwa Boko Haram, yakomeje ibikorwa vyayo kuva umukuru w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari agiye ku butegetsi.
Van Naris Mugisha
Messages
17 Mukakaro 2015, 20:52, par Baron
YOOOOOO...!N’ABAKECURU BASIGAYE ARI ABIYAHUZI.UMUHERO URATEVYE.
18 Mukakaro 2015, 17:02, par Scott
Eeeeeeeeeeh bazokunda amahera banke ubuzima bwabo jewe ibintu nsigaye numva kwino duniya y’imana nuko hasigaye gukoresha ifaranga riwme kw’isi yose mukazobona bishitse yesu azoba aje kuko ibindi vyose vyahanuwe n’abavugishwa n’imana vyarashitse.
18 Mukakaro 2015, 21:27, par Hategekimana Donatien
nne nabakecur basigy bagr ibiter?turagow yemw ntawudasumra umwuzukru uwo mwana naw nibk?yahendagijw n’abvyey cank?ababuz bihangne