Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Abanyeshure 50 baguye mu gitero ca Boko Haram - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Abanyeshure 50 baguye mu gitero ca Boko Haram

Nigeria : Abanyeshure 50 baguye mu gitero ca Boko Haram

lundi 30 Nyakanga 2013

Abagizi ba nabi bikekwa ko boba ari abarwanyi ba Boko Haram barateye ishure mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, bagandagura abanyeshure bashika 50 kuri iryo shure.

Abo banyeshure barashwe baryamye mu buraro bwabo kw’ishure ryigisha uburimyi "College of Agriculture", muri Leta ya Yobe, mu gihugu ca Nigeria.

Izo ntureka zibaye mu gihe uburaruko bushira ubuseruko bwa Nigeria buri mu mategeko y’ibihe bidasanzwe mu gihe abarwanyi ba ki Islam bo mu murwi Boko Haram bagisibije.

Boko Haram irwanira gutembagaza Leta ya Nigeria, gutyo bagashiraho ubutegetsi bugira ku mategeko ya Islam akaze.

Igitigiri c’abaguye muri ico gitero ntikivugwa kumwe, ariko umunyepolitike wo muri iyo ntara yabariye abamenyeshamakuru ba BBC ko abanyeshure bashika ku miringo itanu aribo bahasize ubuzima. Nk’uko yabimenyesheje, imiduga ibiri minini yuzuye ibiziga yashitse ku bitaro vy’umurwa mukuru wa Leta ya Yobe, i Damaturu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.