Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Abashingamateka batavuga rumwe na Reta bacucagiwe ivyuka bikoroza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Abashingamateka batavuga rumwe na Reta bacucagiwe ivyuka bikoroza (...)

Nigeria : Abashingamateka batavuga rumwe na Reta bacucagiwe ivyuka bikoroza amosozi

jeudi 20 Munyonyo 2014

Abaporisi basukiriye ivyuka bikoroza amosozi mu kigo gikoreramwo inama nshingamateka y’igihugu ca Nigeria, inyuma y’aho abashingamateka batavuga rumwe bashakiye kwinjira muri iyo ngoro.

Ivyo bikaba vyashitse inyuma y’aho umwe mu banyeporitike atavuga rumwe na Reta y’ico gihugu yarashitse muri iyo ngoro hagira hatorwe itegeko ryo gutuza intagondwa za boko haram. David Mark umukuru w’inama nkenguzamateka akaba yaciye atanga itegeko ry’ukwugara iyo ngoro indwi zibiri zose kubera ivyo vyashitse. Aminu Tambuwal umunyeporitike atavuga rumwe na Reta y’ico gihugu asanzwe anarongoye urwego rw’abaserukira abandi muri iyo ngoro y’abashingamateka, akaba yashatse kubuzwa kwinjira muri iyo ngoro, bica bituma abaporisi bacucagira ivyuka bikoroza amosozi muri iyo nyubakwa.

Aminu Tambuwal akaba yatanguye kurabwa nabi n’umugambwe uri ku butegetsi inyuma y’aho atangarije mu ndwi irangiye ko agiye kuja hamwe n’abatavuga rumwe na Reta, kugira Goodluck Jonathan ntaze yatse mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka uza. Abatavuga rumwe na Reta bakaba biyamiriza iyo ngendo mbi y’abajejwe umutekano aho muri Nigeria, yo gucucagira ivyuka bikoroza amosozi ku bashingamateka n’abakenguzamateka batavuga rumwe n’umukuru w’igihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.