Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Abategetsi benshi ba Boko Haram bagandaguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Abategetsi benshi ba Boko Haram bagandaguwe

Nigeria : Abategetsi benshi ba Boko Haram bagandaguwe

mardi 23 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’umuhari Boko Haram mu gihugu ca Nigeria, Aboubakar Shekau, yakomeretse bikomeye mu gitero c’indege cagizwe n’igisirikare c’ico gihugu, nk’uko tubikura mw’itangazo rya Reta ya Nigeria. Iryo tangazo rivuga kandi ko abategetsi bakuru benshi b’uwo muhari nabo bishwe.

Inkuru ziva mu gisirikare kigwanira mu kirere muri Nigeria zivuga ko ico gitero cakozwe ku musi wa gatanu igenekerezo rya 19 z’ukwezi kw’umunani, igihe abo bategetsi bariko barasenga mu kigwati ca Taye, mu karere ka Gombale, mw’ishamba rya Sambisa, riri mu ntara ya Borno.

JPEG - 28.2 ko
Aboubakar Shekau, yoba yakomeretse bikomeye mu gitero c’indege cagizwe n’igisirikare ca Nigeria

Nk’uko igisirikare kibivuga, abategetsi ba Boko Haram bishwe ni nka Abubakar Mubi, Malam Nuhu hamwe na Malam Hamman.

Igisirikare ca Nigeria kivuga ko umukuru wa Boko Haram, azwi kw’izina rya Abubakar Shekau yakomeretse cane, nk’uko tubikura mw’itangazo ryashikirijwe n’icegera c’uwujejwe kumenyesha amakuru mu gisirikare ca Nigeria, ariwe Colonel Sani Kukasheka Usman.

BBC ivuga ko umuhari wa Boko Haram umaze iminsi uri mu ngorane z’uburongozi, aho mukamenya ko inyuma y’umwanya muto iryo tangazo ry’igisirikare ca Nigeria risohootse, Shekau yavuze ko ariwe akiri umukuru w’uwo muhari, akagiriza ariko Al-Barnawi kugerageza kumukura ku butegetsi.

Umugwi wa Islamic State waheruka kumenyesha ko Abu Musab al-Barnawi ariwe mukuru mushasha wa Boko Haram.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.