Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Nigeria : Abitegurira ubugeni bibatwara amafaranga atagira uko (...)
Nigeria : Abitegurira ubugeni bibatwara amafaranga atagira uko angana
jeudi 30 Ndamukiza 2015
Mu gutegura ubugeni mu gihugu ca Nigeria, bitwara amafaranga menshi, kubera ababutegura usanga bisunga imigirwa ya za Buraya na Amerika.
Imiriyoni zibiri z’amadolare y’Amerika, zikaba arizo zikoreshwa mu kuzana ivyiyumviro vy’bantu bakomeye b’i Buraya, amashurwe yo mu gihugu c’Ubufaransa n’abaririmvyi bakomeye bo muri Amerika.
Mu guhimbaza iyo minsi mikuru, abarwizatunga ntibavyorosha kuko bivanye no ku butunzi bukomeye bakura mu bitoro biyimburira , n’igisata co gutumatumanamako amakuru gisanzwe cinjiza amahera menshi muri ico gihugu, igisata c’amareresi n’utugenegene naco nyene kiza kw’isonga mu kwinjiza amafaranga atagira uko angana, baca bitegura, mu gukoresha amafaranga menshi.
Ivyo bisata rero bigatuma ico gihugu kiza imbere mu bihugu ubutunzi buhasesekarira biciye muri ubwo buryo bwo gutunganya ubugeni burengeje imilioni zibiri z’amafaranga y’Abanyamerika.
Bill Nkurunziza
Messages
14 Rusama 2015, 14:18, par queen
Yoo,nagira bobikoresha nez!bwabundi
nihatari!!!eeeh,
Amanyama yoshwa nakarembe!