Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nigeria : Agahinda niko kishe abavyeyi banyururijwe abana na Boko (...)
Nigeria : Agahinda niko kishe abavyeyi banyururijwe abana na Boko Haram
samedi 26 Ndamukiza 2014
Indwano zasutamye hafi y’ahantu hibazwa ko ariho hoba haranyururijwe abanyeshure isinzi batwawe n’umurwi wa Boko Haram, aho abasirikare bane bitavye Imana ku ruhande rwa Reta nayo 40 bakicwa ku ruhande rw’aba Boko Haram
Hafi ya Bulanbuli muri ico gihugu ca Nigeria akaba ariho habereye imirwano ikomeye nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’igisirikare w’ico gihugu général Chris Olukolade. Uyo muvugizi yemeza ko abarwanyi baba Islamistes bo mu murwi wa Boko Haram bagera kuri 40 aribo bishwe, ku ruhande rwa Reta naho, hagapfa abagera kuri 4. Imirwano ikaba airiko irabandanya, mu ntumbero yo kuraba ko abo banyeshure batwawe, borekurwa.
Mukamenya ko abo banyeshure banyurujwe mu ndwi iheze n’izo ntagondwa, baca bajanwa ahantu n’ubu atawurahatora nka neza. Abavyeyi b’abo banyeshure agahinda akaba ariko kabarembeje, aho bavuga ko barize barihanagura, ariko n’ubu bagumana icizere ko abana babo bazoteba bagatorwa iyo bajanywe n’izo nkozi z’ikibi.
Aristide Nizigire
Messages
28 Ndamukiza 2014, 09:59, par Freedom in believes
Isi yose ntabwo abantu boba abakirisu canke abisiramu kunguvu!!!Abisiramu bareke izo propagandas zabo ko isiyose igomba kuba abaisilamu!!N’abahindi basenga inka bafise full right yo kubisenga niba bitonona imico n’akaranga kama y’igihugu cabo!!