Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Akarere ka Borno kabaye ikirimbiro rya Boko Haram - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Akarere ka Borno kabaye ikirimbiro rya Boko Haram

Nigeria : Akarere ka Borno kabaye ikirimbiro rya Boko Haram

lundi 24 Ntwarante 2014

Intagondwa zo muri Boko Haram zagandaguye abantu mw’isoko, mu gitero izo ntagondwa zagize mu Buseruko bw’ico igihugu ca Nigeria i Borno nk’uko bimenyeshwa n’umwe mu bategetsi b’igiporisi.

Abantu bagera kuri 17 akaba aribo bagandaguwe bunyamaswa n’izo ntagondwa zibaturikirijemwo ibisasu, co kimwe n’abandi benshi bakomeretse. Izo ntagondwa rero za Boko Haram zikaba zimaze iminsi zihungabanya umutekano muri ico gihugu, aho kuva kuri uyu wa ane uheze igenekerezo rya 20 Ntwarante, abantu baguma bahura n’isanganya riturutse kuri abo bicanyi bo mumurwi wa Boko Haram, aho bamwe bicishwa imipanga n’amashoka, abandi nabo bakaraswa.

Abajejwe umutekano mu gihugu ca Nigeria rero, bakaba bariko baragira ibitero bikomeye kuri izo ntagondwa za Boko Haram, mu gihe abanyagihugu bo bavuga ko baremvye, bicwa n’abo barwanyi. Amashure ya Reta agera kuri 85 kugeza ubu arugaye mu karere ka Borno, kuva aho izo ntagondwa ziciye abanyeshure zibasanze aho bigira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.