Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Akarere kose kahamagariwe kwanka boko haram
Nigeria : Akarere kose kahamagariwe kwanka boko haram
jeudi 17 Mukakaro 2014
Igihugu c’Ubufaransa kiriko kiraraba ukwo cofasha mu gushira ikigo c’igisha ukwanka boko haram, mu karere igihugu ca Nigeria giherereyemwo.
Ico kigo kikazoba kiri i Abuja, ndetse kikazofasha abanyagihugu bo mu bihugu vya Nigeria, Tchad, Cameroun, Niger na Bénin, mu kwigishwa uko bokwanka boko haram ndetse bagafashanya n’amakungu mu kurwanya uwo murwi w’intagondwa. Uwo mugambi w’igihugu c’Ubufaransa ukaba uje wiyongera ku yindi yari yashizweho n’ibihugu vy’Ubwongereza na Reta zunzubumwe z’Amerika, mu ntumbero yo kugarukana abanyeshure b’abigeme banyurujwe n’izo ntagondwa zihurikiye mw’idini rya Islam.
Mwomenya ko kugeza n’ubu, umuhari wa boko haram ubandanya ibikorwa bigayitse vyo kwica abantu hamwe no kunyuruza abanyamahanga, hamwe n’abanyagihugu bo muri Nigeria. Muri iyi minsi hakaba hariko havugwa cane, umudagi yabyurujwe n’abo bicanyi.
Aristide Nizigire