Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria: Amategeko y’umukwabu muri Leta ya Taraba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Amategeko y’umukwabu muri Leta ya Taraba

Nigeria: Amategeko y’umukwabu muri Leta ya Taraba

samedi 4 Rusama 2013

Mu duce tumwe two muri Leta ya Taraba iri hagati muri Nigeriya hashizweho amategeko y’umukwabu inyuma yaho abantu hafi 20 biciwe mu bikorwa vyo gukubagurana hagati y’imisoresore y’abakirisitu n’iy’abasiramu.

uko kutumvikana kwatanguye ku wa gatanu igihe haba ibirori vyo gushingura umuyobozi mukuru w’imico y’ico gihugu mu gisagara ca Wukari.

Ababibonye bavuga ko abari muri ivyo birori biganjemwo imisoresore y’abakirisitu bo mu bwoko bw’abajukuni baciye mu gace kiganjemwo abasiramu.
Umuvugizi w’igipolisi yavuze ko abantu barenze 50 bahakomerekeye mu mishamirano yahabereye.

Icuka kibi kimaze iminsi cibonekeza muri ico gisagara guhera mu kwezi kwa kabiri k’uyu mwaka igihe batangura gupfa ikibuga c’umupira hagaca hatangura ukwutumvikana bifatiye ku madini.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.