Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Amezi atandatu araheze abakobwa babanyeshure banyurujwe na Boko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Amezi atandatu araheze abakobwa babanyeshure banyurujwe na Boko (...)

Nigeria : Amezi atandatu araheze abakobwa babanyeshure banyurujwe na Boko Haram

mardi 14 Gitugutu 2014

I Abuja ku murwa mukuru w’igihugu ca Nigeria habereye imyiyerekeno yo gusaba irekurwa ry’abakobwa b’imiyabaga bashika 276, bafise imyaka iri hagati ya12 na 17. Banyurujwe bari mu ndaro kw’ishure Lycée de Chibok, kw’igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2014.

Abo bana banyurujwe n’abagabo bitwaje ibigwanisho bo mu murwi w’aba Islam bitwaje ibigwanisho Boko Haram, babatwara mw’ishamba ry’i Sambisa bari mu biduga binini (camions). Hari abashoboye gutoroka ababanyuruje mu masaha n’imisi yakurikiye, ariko abashika 219 ntibabonywe irengero ryabo.

Imyiyerekano yo kur’uyu wa 14 Gitugutu ikaba yariyo irekurwa ry’abo bakobwa babanyeshure banyurujwe na Boko Haram, haheze amezi atandatu, mu buraruko bushira uburengero bwa Nigeria.

Mur’abo bagize imyiyerekano, abashika amajana bari mu muhari « Bring back our girls » (dusubize abakobwa bacu), wavutse muri Ndamukiza 2014 mu gushigikira abo bana bagizwe imbohe. Bakaba bateguye kugira imyiyerekano gushika ku kirimba c’Umukuru w’igihugu Goodluck Jonathan, ku murwa mukuru, mu vyizigiro vyo guhabwa umubonano.

Abavyeyi babo bana bamaze ayo mezi atandatu mu mubabaro n’agahinda, basaba Leta gushiramwo inguvu mu kurondera no gukiza abakobwa babo. Bakaba mbere bavuga ko bafise ivyizigiro vyo gusubira kugumbira abakobwa babo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.