Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Bararindiriye ivyavuye mu matora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Bararindiriye ivyavuye mu matora

Nigeria : Bararindiriye ivyavuye mu matora

lundi 30 Ntwarante 2015, par IGIHE

Umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Nigeria wamenyesheje ko baza kumenyesha ibizoba vyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu.Mw’ sihiarahamwe mpuzamakungu ONU bakaba bashima uburyo ayo matora yagenze.

Amajwi rero yatanguye kwegeranywa igisagara ku gisagara, ibiharuro mfatakibanza vy’ayo matora bikaba vyitezwe kuri uno wa kabiri.

Ayo matora rero yahuje umukuru w’igihugu Goodluck Jonathan hamwe n’uwo bahiganwa Muhammadu Buhari niyo matora ya mbere kuva mu mwaka w’1999 igihe intwaro rusangi isubira kugaruka, atabonetsemwo utunenge twinshi mbere abasanzwe ari abarorerezi bayo bavuga ko yakozwe mu muco no mu mutekano.
Ariko mu murwi w’abarorerezi bo mw’ishirahamwe ry’abanyaburaya, mu karere ka Rivers ,bemeza ko habayeho utunenge tumwe tumwe ,nka bamwe wasanga batera ubwoba abagiye gutora n’utundi tunenge. Ariko umukuru w’umurwi utegura amatora muri co gihugu , Attahiru Jega , yamenyesheje ko amatohoza ku vyerekeye abo bavuga ko habayeho utunenge , yaramaze gutangura.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon, yakeje abanya nigeria kuri ayo matora kubwiwe yabaye mu mutekano ntangere kandi ku rutonde.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.