Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Ban Ki-Moon yagiye kwibuka abaguye mu gitero ku nyubakwa za (...)
Nigeria: Ban Ki-Moon yagiye kwibuka abaguye mu gitero ku nyubakwa za ONU
lundi 24 Myandagaro 2015
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon yagendeye igihugu ca Nijeriya mu birori vyo kwibuka abaguye mu gitero cabereye ku biro vya ONU i Abuja mu myaka ine iheze.
Ico gitero cakozwe n’umurwi w’intagondwa z’abaislamu ukorera mu gihugu ca Nijeriya Boko Haram.
Ban Ki-Moon azobonana kandi n’umukuru w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari kugira baganire uko borwanya ibikorwa vy’iterabwoba.
Azobonana kandi n’umurwi ukora imyiyerekano yo gusaba irekurwa ry’abanyeshuri b’abakobwa barenga 200 banyurujwe n’umurwi Boko Haram mu mwaka uheze.
Van Naris Mugisha