Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Boko haram ibandanya kwiha inkumbi
Nigeria : Boko haram ibandanya kwiha inkumbi
vendredi 12 Ruheshi 2015
Abantu 43 bishwe n’abantu bitwaza iterabwoba bo mu muhari wa boko haram, aho baje ku mapikipiki, baca birara mu banyagihugu bararasa, amazu nayo baraturira.
Ku mugoroba wo kuri uyu wa 9 Ruheshi, amapikipiki agera kuri 20, akaba ariyo yaje ahetse izo nkozi z’ikibi, zica zirarasa mu duce twa Matangale, Buraltima na Dirmanti, aho abantu bapfuye bagera kuri 43, abandi barakomereka n’amazu yaturiwe. Abo bicanyi bikavugwa ko baje bava mw’ishamba rya Sambisa, ishamba ririmwo abo bicanyi. Abantu batari bake rero barwiriyemwo abagore n’abana, bakaba bahungiye mu kirwati ca Damboa, mu gutinya ko bokwicwa.
Ariko rero, umukuru mushasha w’igihugu ca Nigeria, Muhammadu Buhari akavuga ko abo bicanyi ba boko haram, agiye kubatuza afashanije n’ibihugu vyo mukarere.
IGIHE
Messages
12 Ruheshi 2015, 15:13, par Ntasangira
Imana ibakira mubwami bwayo kuk bobo bazize ubusa arko MANA nufashe uburundi ivyontibidushikire
16 Ruheshi 2015, 11:05, par epithas
pol sana ndugu zangu.....