Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Boko Haram yishe abantu 48 b’abarovyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Boko Haram yishe abantu 48 b’abarovyi

Nigeria : Boko Haram yishe abantu 48 b’abarovyi

dimanche 23 Munyonyo 2014

Intagondwa zihurikiye mu murwi w’abarwanyi ba boko haram bo mu gihugu ca Nigeria basubiye kwiha inkumbi, aho bahitanye abantu bagera kuri 48.

Abo bishwe n’abo barwanyi bavuga ko bashira imbere idini rya Islam bakaba bishe abarovyi 48 mu gisagara ca Chibok, mu Buraruko bwa Nigeria, ku rubibe ico gihugu gihana na Tchad, nk’uko vyemezwa n’umukuru w’izo ntagondwa.

Mukamenya ko kuri uyu wa kane w’iyi ndwi turiko turarangiza, izo ntagondwa nyene zari zazibiye ibarabara rihuza Nigeria na Tchad. Bikavugwa ko intagondwa zigera kuri 10, arizo zari zazibiye ako karere hafi y’igisagara ca Doron Baga, ku kiyaga ca Tchad. Ntabantu zishe, ariko ubwoba bwo bukaba bwiriwe butekeye ababa hafi y’iyo micungararo, ndetse abakunda kuja gusama akayaga kuri ico kiyaga bakaba batiriwe barajayo, kugutinya kwicwa n’abo bakozi b’ikibi


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.