Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Umwe mu bigeme banyurujwe kw’ishure rya Chibok yabonetse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Umwe mu bigeme banyurujwe kw’ishure rya Chibok yabonetse

Nigeria : Umwe mu bigeme banyurujwe kw’ishure rya Chibok yabonetse

mercredi 18 Rusama 2016, par egide

Abanyagihugu bo mu gihugu ca Nigeria bavuga ko umwe mu bakobwa banyururijwe kw’ishure ya Chibok n’umugwi wa Boko Haram yabonetse, akaba abaye umuntu wa mbere arokotse mu kiringo c’imyaka ibiri.

Abakobwa barenga 200 baranyurujwe n’abagwanyi ba Boko Haram mu gisagara kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria mu myaka ibiri iheze.

Umwe mu baharanira agateka ka zina muntu muri ico gihugu, Hauwa Abdu, yabwiye BBC ko uwo mwigeme yatowe ku munsi wa kabiri ku mugoroba n’umugwi w’abajejwe umutekano inyuma y’intambara yari yahuje abo bajejwe umutekano hamwe n’abantu vyibazwa ko ari abagwanyi ba Boko Haram.

Nk’uko bishikirizwa n’umwe mu bategetsi bo mu nzego zo hasi muri Nigeria, uwo mwigeme yatabawe n’abajejwe umutekano yari afise umwana, bompi bakaba baciye bahabwa igisirikare ca Nigeria mu gisagara ca Damboa.


IGIHE

Messages

  • None Abo Bigeme Bariko Bazira Iki?Izo Ntagondwa Zaba Isiramu Ahokwiga Ngo Nazo Zitere Imbere Zishinga Gutegura Intambara.Nibareke Ivyo Bibondo Bahangane Na Base Babo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.