Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Nigeriya : Umunyeshure w’imyaka 25 yatanguje ubuhinga bwa none bwo gusoma (...)
Nigeriya : Umunyeshure w’imyaka 25 yatanguje ubuhinga bwa none bwo gusoma Bibiriya
vendredi 25 Ndamukiza 2014
Mu gihugu ca Nigeriya, igitigiri c’abasoma bibiriya kiguma ciyongera kubw’ubuhinga bushasha busigaye bukoreshwa. Ubwo bihinga bwa none nabwo bwiswe "Wazobia Bible", ubuhinga bukoreshwa kuri terefone ngendanwa.
Wazobia Bible, ni ubuhinga bwa none bukoreshwa mu gusoma Bibiriya muri za ngendanwa, bwatangujwe mu kwezi kwa Gitugutu mu mwaka w’2013 n’umunyeshure Kayode Sowole w’imyaka 25 y’amavuka wo kuri kaminuza y’i Lagos, mu gisata c’ubuhinga ngurukanabumenyi (ingénierie informatique).
Mu gihugu ca Nigeriya, Bibiriya isanzwe isomwa mu ndimi kavukire zitandukanye nko muki yoruba, muki haoussa hamwe no muki igbo canke muki idgin. Abakoresha amaterefone ari mu bwoko bwa "smartphones" akaba aribo bashobora kuyisoma muri izo ndimi zose, bakoreshweje ubwo buhinga bushasha bwa "Wazobia Bible".
- Kayode Sowole w’imyaka 25 y’amavuka wo kuri kaminuza y’i Lagos
Kayode Sowole akavuga ko ku bakirisu bafise ubwoko bw’ayo materefone afise ubwo buhinga bwa "Wazobia Bible", bitagikenewe ko barinda kuzana amabibiriya yabo y’ibitabo mu rusengero, kuko bashobora kuzisomera ubu ku buhinga bwa none bugezweho, bunyaruka kandi umwe wese agashobora kuyisoma mu rurimi yiyumvamwo.
Uwo munyeshure yatanguje ubuhinga bushasha bwo gusoma bibiriya "Wazobia Bible", avuga ko iciyumviro nkico, yakirabiye ku murongo ngurukanabumenyi Facebook, kuko asanzwe yigira kuwatanguje uwo murongo ukundwa na benshi, Mark Zuckerberg.
Uwo munyeshure Kayode Sowole aheruka gutahukana agashimwe k’ubuhinga bwa none bwa mbere bwatangujwe n’umunyeshure. Agashimwe kangana n’amafaranga y’amanyaburaya agera 475, mw’ihiganwa riheruka ryari ryateguwe na MTN, ishirahamwe ry’umurongo wa terefone ukoresha cane mu gihugu ca Nigeriya.
Kubwa Kayode, iyo ni ingabire yahawe n’Imana, ingabire ategerezwa kubandanya ateza imbere mu kwerekana ubumenyi yahawe.
Mwomenya ko kuri kaminuza yigako i Lagos, Kayode yatanguye kuba rurangiranwa, ubu mbere bakaba bamaze no kumuha n’igicapo c’umutunzi rurangiranwa kw’isi, Bill Gates.
- Wazobia Bible, ubuhinga bukoreshwa mu gusoma Bibiriya kuri terefone ngendanwa.
Mariella Bukuru