IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Nimpagaritse Sylvère:’’Umukuru w’igihugu niwe yasenyura inzego (...)

Nimpagaritse Sylvère:’’Umukuru w’igihugu niwe yasenyura inzego z’igihugu’’

mercredi 6 Rusama 2015

Nimpagaritse Sylvère yahora ari icegera c’umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, ubu ari mu buhungiro mu gihugu c’Urwanda, yemeza ko iyo sentare yatewe ubwoba mu kwemeza ko Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi ashobora kwitoreza kurongora Uburundi mu kiringo ca gatatu.

Mu kiganiro yahaye insamirizi Contact FM yo mu Rwanda, Nimpagaritse Sylvère yavuze ko umunsi wa mbere batangura kwiga nimba umukuru w’igihugu ashobora kwitoza ku kiringo kigira agatatu, abacamanza bane kuri ndwi batari bashigikiye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yosubira kwitoza.

Nimpagaritse Sylvere avuga ko kuva yerekanye ko adashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, yaciye atangura guterwa ubwoba n’abashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, aca atangura kuza arahindura aho arara.

Nk’umwe mu bari bagize sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, yavuze ko amasezerano ya Arusha avuga neza ko ata mukuru w’igihugu ategerezwa kurenza ibiringo bibiri, ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi naryo mu ngingo ya 96 rikabisigura. Avuga ko ingingo ya 8, ariyo idadanura ibintu kuko ivuga ko uko yotorwa kwose aba yatowe.

Nimpagaritse avuga kandi ko, uko umukuru w’igihugu n’ikiringo ari ibintu bibiri bidasa, ko afise uburenganzira bwo kwitoza ku kiringo ca gatatu ari abavuga ko ku kiringo ca mbere yatowe n’abashingamateka n’abakenguzamateka atari ikiringo kandi ikiringo n’uburyo atorwa ari ibintu bibiri bidasa.

Ku kibazo co kumenya nimba ingingo yafashwe na sentare ari ingingo yayo bwite, Slyvere yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ubwiwe, hamwe n’abamushigikiye. Ku bwiwe, Petero Nkurunziza n’abamushigikiye bishe ibigirankana ibwirizwa nshingiro ry’igihugu.

Uwo yahoze ari icegera c’umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yarangije amenyesha ko umukuru w’igihugu wenyene yamaze gusenyura inzego z’igihugu, agira ati :’’ Nemera ko igihugu kiri mu ntambara, ku buryo Nkurunziza ntamwita umukuru w’igihugu, ahubwo uwuzokura igihugu mu ntambara niwe mukuru w’igihugu.’’
Nimpagaritse Sylvère yahungiye mu Rwanda, kuwa mbere igenekerezo rya 4 rusama ari kumwe n’umukenyezi wiwe.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nkumuntu nsanzwe mfise ingabire yokumviriza ibivuzwe numuntu uwariwewe, bibonekanyeko wewe wakomeje kwiyerekana nkuwuriko urakorananeza numukuru wigihugu nizindinzego zigize igihugu kumbe ntiwigeze uziyumvamwo, abantukamwerero muzogenda mwikuramwo kuko Imana irakunda u Burundi cane. Ndakubwirako munzegozitandukanye ziringaha mugihugu bamabadahuriza kukintu ariko ntibaheza ngobabihorwe.

  • Oyasukwo warigushira aho ababeshi bashize nikobimeze mubihuguvyose, ingoranewagize nuko ubonekanako warifise isezerano wasezeraniye Kagame washaka gushitsa ariko wabikozenabi kukokudahuza nabomukorana ntivyarigutuma utekera ugahunga.

  • ahubwo nge ndabona hari izindi mvo zibyihishe inyuma,none ntubona ko wihenze koko iyo wifata basi ko nubundi mubutungane vyose batabibona kimwe kandi ntibibuza ingingo gufatwa.

  • twese turabizi mushingantahe ko ari we yisenyuriyeko, arabesha tout aragenda yiruka nka kayabu hiiiiiiiiiiiiiiii

  • Uwutavuze ivyo abategetsi bashaka canke bipfuza muca mubaca amazosi ,mugaca amazosi n,umuryango wiwe wose.Nico gituma uwubishoboye yonyaga amagara hakiri kare ,abamuca izosi bataramufata.

  • sylvère yari agerageje kwerekana ko ashoboye kuba mu ndongozi z’amasentare yigenga koko,ni uwo gukezwa pe!

  • ewe ragiryagahuturemi, ntukabeshe uri umu dd w’imburabwenge, wamenyereye gusesa amaraso, uwo we yabacitse. fake nawe iyo ngabire wayikuyehe? ukorera umwami nde? uwuzoshaka gukiza igihugu cose, imana izokwama imucira inzira. pole abarundi bazokwama bakira uko

  • Monsieur Sylvere Nimpagaritse.Ndakuravye neza uri mubwoko differente na
    Peter Nkuruniza.Bisigura ko wafatiriye umugambi wabagenzawe.
    Nibutse ko ahantu hose habaye deliberation mu mwiherero wari kugumana position yawe ntiwari kumena ibanga ngombwa ryabereye mu mwiherero.Uko biri wahemutse kandi wihemukiye wadashwe akabuye kabagabo...None wumva usigaranye iki mumushaha wawe?
    - Aho bitweretse ko wariye igiturire kanatsinda nta mahera wari kuronka avuye mumushahara wawe pour payer un taxi Bujumbura- Frontiere Kigali
    Imishahara yanyu irazwi.Nuwaguhaye ico giturire aho ari nta confiance azokugirira encore.Uzokwama wicuza ntiwari kumena ibanga wari kugumana position yawe kandi ntawari kugukakaza ngo akukorere nabi.Vyovuzwe ko uri un homme de principes kandi vyouhaye iteka mu buzima.
    - Comme wamenye ibanga mubihe nkibi on se demande wabeshe canke wavuze ukuri?Les biens intentionnees baca babona directement ko wari mwo tubiri.kubera ntawuvuga ingene deliberation yabaye uri umucamanza.Uri igihemu kandi ntawuzosubira kugusaba ijambo.Verdict yasohotse muri cours constitutionnelle iratomoye abari bafise amadidane bumvise ko Peter Nkurunziza ari mukuri ashobora kwitoza encore.Ahubwo vyanatweretse ko niyabishaka pour ne pas depenser pour les elections de 2020 zitwara amahera menshi yigihugu ashooye kwitoza encore au cas ou habaye les elections presidentielles universelles indirectes.Abakora amategeko baze bahore birinda copier et coller.Les situations sont differentes pour chaque pays .Il faut adapter les lois aux situations et mentalites des pays....
    Gurtyo ntakajagari kazobaho.
    - Sinon mushingantahe vous etes incoscients co kimwe nabanditse constitutions ou ceux qui ont negocier les accords d arusha bazikoze ukuntu kutari claire ko gutuma hama contradictions notoires des articles
    des questins... mbega nkubu ko wahenze les manifestants camp ishigikiye Nkuruniza niyavyura agatwe ikaza gushamirana na camp yaguhaye igiturire
    hazopfa abantu benshi.Hazobomorwa amazu ibiraro amabarabara hazoba ibimuga vyinshi..Ico nzi abaguhaye igiturire nta poste bazoguha ko uri umuja wabo none kweri iyo responsabilite uzoyikorera uyishobore?Impanuro ba uraja kwivuza bakugirire prevention ko aho biri uzoteba usara.Twumiwe twumvise umucamanza qui viole les secrets des deliberations..Sinzi iyo warezwe.Warize introduction aux droits ..warize deontologie du metier des juges?haha ha ha

    - Hama uri immature malgre tes fonctions et ages.Mbega urazi icari

  • Esehohonubwobomtrek’akitoz’abonakoamarasoyabanyagihuguasesetsekovyomunezera,narekekurengakwibwirizwashingiro,cankekundahiroyarahiye

  • Abonibo bariko barahumanya ingihugu cacu nagende azoza atakiri mukibanza nkico cinkoramutima!.

  • nkubaze wowe mpangaje ahubwo ko uri mburamikora uwaguha ko gupima amazuru kuko mbona ariyo uha agaciro wibaza ko ibyo uzi umukebura wibaza ko zirya njiji zene wanyu zamuhaye akazi zitamzi ko ashoboye kimwe yaberetse ko ari umugabo wowe wize ukaba amashuri yawe uyarutisha izuru uzarebe ikirivamo uzamenya icyo wakurikiye

  • MPANGAJE IYABA BISHOBOKA YARAKWIYE GUFATWA AGATABWA MU MVUTO
    UBU ABARUNDI TWESE TURIKO DUFATANA MUNDA MUKWIYAMIRIZA IYO NTWARO MBI ATAHO YIGEZE IBONEKA KW’ISI

  • Ce Sylvere me fait pitié car c’est un lâche, kandi nikimaramare, ...kuki amakuru menshi atugeraho avuga yuko tous les traîtres prennent souvent la route du Rwanda?

  • Komera komera sylvestre hakuniganwa ijambo wonigwa nuwuribwiyee.amashure wize ntiyagupfuy kubusa komera kwibanga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.