Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Niyoyankana Bonaventure yasavye kugaruka mu burongozi bwa UPRONA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Niyoyankana Bonaventure yasavye kugaruka mu burongozi bwa UPRONA

Niyoyankana Bonaventure yasavye kugaruka mu burongozi bwa UPRONA

mercredi 23 Mukakaro 2014

Umushingamateka Bonaventure Niyoyankana yandikiye ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, amumenyesha ko ashaka kugaruka kurongora umugambwe wa Rwagasore, mu gihe uwo yawusigiye Concilie NIBIGIRA, amwagiriza ko vyamunaniye guhuza Abadasigana.

Muri iryo kete, umushingamateka Niyoyankana Bonaventure aributsa umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard NDUWIMANA, imvo yamutumye ubwa mbere yanka kurongora umugambwe, imvo asigura ko zari zijanye na poritike yari mu gihugu ico gihe. Niyoyankana akaba abandanya avuga ko umugambwe UPRONA yari yawusigiye Concilie Nibigira, kuko yari yibaza ko azoshira imbere ukunywanisha Abadasigana, Bonaventure NIYOYANKANA akabona ko atarivyo ariko arashira imbere ubu, ahubwo akabona ko ariko ashaka gushiraho ibaba rindi ry’umugambwe wa Rwagasore, mu gutumako inama rukokoma ataho yanditswe na hamwe mu mategeko y’umugambwe w’Adasigana, ndetse agatumira abazoyitaba, abanje kubinyegeza abandi baporona.

JPEG - 26 ko
Umushingamateka Bonaventure NIYOYANKANA

Umushingamateka Niyoyankana Bonaventure rero akavuga ko aje kurongora umugambwe washikanye Uburundi ku ntahe y’ukwikukira, mu gihe ariwe yari arongoye inzego zo mu mwaka w’2009, inzego zemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Avuga ko vuba, ari uguca akora ibishoboka vyose agahuza inzego zose zirongoye umugambwe, zigashobora gutumako ikoraniro rya komite nkuru y’umugambwe UPRONA, nayo inama rukokoma iriko itegurwa n’umurwi wa UPRONA urongowe na Concilie Nibigira, akayitera ivyatsi co kimwe n’abandi badasigana.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivyubu Namayobera Ejobundi Bamuhaye Umugambwe Ngo Ndawanse Ubu Ngo Wumpe Ahaaa,mbe Nicibare Reka Uwomupfasoni Abatware Mwarawutaye Arawitorera.

  • Ewe NIYOYANKANA ugire ugarure akenge!!ariko urabe ubikuye kumutima!!
    Nakare uburongozi bwiza n’ubw’abagabo.reka turabe ariko ndakekako NDUWIMANA atakumviriza!

  • Ba cndd-fdd ivy mukora vyose mwame mwibuka na ntaryo ko ikintu cose kigira intango kikagira niherezo.Mucamwumva ko ikintu ciza impera yaco iba nziza,ikibi impera yaco iba mbi.

  • HARI UMUTWARE AKABA NUMUVUGISHWA YAVUZE NGO: DUKORE DUSENGA, DUSENGA ,UKO KUVUGISHWA KWABAYE KO, KUKO URAVYE UKUMVIRIZA IVYAVUGIWE NABA PORONA MUKIGANIRO CABADUSERUKIRA NO MUNTURIRE, UCAWUMVA NEZA KO AMASENGESHO YABACANIRIYE!!!!!!!!!!! WUMVIRIJE KABIZI YITALIKE 17 NA 18 YAGIZWE NA BA FRODEBU, NABONYENE UCAWUMVA KO AMASENGESHO YABOKEYE!!!!!!!!!!!! ABANTU MWUMVISE IVYO BIGANIRO MWARIYUMVIYE KO NDUWIMANA EDWARI BAMUBESHERA KO ARIWE ABASAMBURA!!!!! NA DOMISIYANO YARAVUZE KO ABO BASHIHANA BAPFA AMARONKO!!!!!!!!!!! UWAVYERETSWE AVYUMEKO, DUSENGA DUKORA DUKORA DUSENGA HAHAHAHAHAHAAAA

  • ivyakino gihe biratwenza ni film kabisa,uwo mugabo nukumwitondera attention n’umugabo atagira ijambo

  • NONE IVYO WAGIZE WAVYIBAGIYE UBUNYE!!!HAAAAAAAA!!!SHA WIBAGIRA NINGONGA.UKANKA GOTORA ITEGEKO RIHINDURA IBWIRIZWA SHINGIRO URUMWE GASHA!!!NE WIBAZA NGO TWARAVYIBAGIYE.TWARUTAMENA

  • NSANZE MUGIHUGU UMUNTU AZI AMATEGEKO ARI EDWARE NDUWIMANA. ABAPORONA BAHORA BIGIRA NGO NINCABWENGE ARIKO UBURIKO BURABAJANA!!!!!!!!!! HAKWANDIKIRA ABAPORONA YANDIKIRA EDWARE!!!!!!!!!!! HAHAHAHAHAHAHA NUMVIRIJE AMAKURU AHEJEJE KUVUGA NKUMVA IBIVUGWA NA NDITIJE, NKUMVA NIYOYANKANA NKUMVA KONSIRIYA, NSANZE ABAPORONA BARABASHUSHUYE!!!!!!!!!!!!! VIVE CNDD-FDD MUSENGA MUKORA, MUKORA MUSENGA

  • Ntimuronderere kure. Ja kuri http://www.nyabusorongo.org/spip.php?article147 muca muhasanga inyishu yatumye Hon. Niyoyankana B yandika iryo kete.

  • hahahahahaha, hihihihihihihiiii cndd-fdd mwiyubare ntimukore amaraso, kuko mukoze amaraso, inyuma yimyaka mirongo ine mutwara muzobibazwa, nkuko uprona biriko birabashikira, arinaco gituma bariko barashihana nukubera amaraso yabahutu ariko arataka hahahahaha!!!!!!!!! ahubwo turindire twitonze bazotubwira ingene bise abantu abamenja, bagakora ibidakorwa irindwi nakabiri babacumita imigano mumufutu igaserukira mwizosi!!!!!!!!! ivyovyose bazovyagirizanya tumenye ivyabaye na cvr ataco ibabajije.

  • IHORIHOZE.Ingorane Ntiziri Muri Cndd_fdd Ziri Muri Uprona Wari Gukebura Abaprona Mugenzi,cndd_fdd Iratekanye Ntiwumvise Ivyo Uwo Mwenedata Yanditse Hepfo Yawe Ningorane Za Uprona.Ukaba Ubakunda Bakebure,ahandiho Siheza.

  • Uwo,mutama arashaje mumutwe,harya uyumuntu ashaje agira ubwenge nkubwumwana muto,ntaho ataniye na mbonimpa,kandi aho usanga banganya imyaka,amakosa bakoze baca bitwaza ngo barashaje ngo ntibahanwe namategeko.abo ba zeee nditije,gasutwa,niyoyankana,manwangari,mukasi,sahinguvu,nurya cegera ca nditije,eka mbere abo batama bose bashaje bo muri iprona,abo bose bari bakwiye gusanga mbonimpa hariya kumusaga,kugira ntibazohave batoba amatora,bitwaje ngo barashaje,ngobarengeje imyaka yogufungwa????,murunva ako kayume ga yemwe,ariko bagashaka guta ugwaruka mumuriro utazima,nibaruhuke barekere ubuyobozi uyo mufasono concilia,kandi ndasavye ko abakenyezi mwese baba UFB ko mwoshigikira umukenyezi nkamwe,mukagwanira kwakungana kwanyu na bagabo,ya 30% musaba,ahubwo ikaba 55%muri I prona kuko nakare nimwe muri benshi gusunvya abagabo!.

  • "Ahiyeee heee Bararuhiga sha"
    Nisunze ikiganiro kabizi giherutse na Ngayimpenda, Mme Nibigira Concilie yageraza kugarukira UPRONA na cane cane urwaruka. Ndashimiye umumenyeshamakuru Serges ni kirumara, arazi akazi ajejwe n’ico amariye benegihugu mu kudushikiriza inkuru zinoboye. Rero intumbero, inkoro n’imvugo ya Niyoyankana, noyita agaseseshwarumuri. Ni ataba ari urukiza, imikino ya politique ya bamwe bamwe biyita ABADASIGANA kandi ari ugukwegera igihugu akarambaraye, igiye yagong’umwamba. Umugani wa Jean ku nkuru yasomye kuri NYABUSORONGO, Niyoyankna asigaje kumenyesha ko ingorane zari hagati yiwe n’umuryango wiwe bwite ufadikanije na Busokoza Bernard zaheze. Ntarandiriye canke ndambire beneburundi, incuti n’abakunzi b’u Burundi, ndasavye munsigurir’ico aya majambo avuga:
    1. NGAYIMPENDA
    2. NIYOYANKANA
    N.B.
    "Akari mu nda y’ingoma kamenywa n’uwayikanye"
    Mu Mugambwe UPRONA wa Rwagasore, ku rubuga bise politique @lobbying, abo bose bitwa@biyita ABADASIGANA. Mu kirundi, iryo jambo rikaba ritari kubiri n’inyifato n’ingendo y’umuntu twita umugabo w’ijambo n’ijunja. Bigatuma ngir’amakenga n’igituma hari uko gucanacanako. None karashiz’ingani, abarundi dushire ko umwikomo Nduwimana Edouard canke twitwaze ko ari kuber’amatora kandi tuzi, muri rusangi, ko vyamye uko muri uwo Mugambwe? Koko nibasimbe birabe kuko kwikubit’agashi bisa nibibasoba

  • NGIRA MVUNIRE URUGOHE RETA YUBURUNDI, ABANYAGIHUGU BI GITEGA NI NGOZI. MURAGABE MURAGABE, KUBONA NIYOYANKANA ASUBIYE KUGOBORORA URURIMI NUKUGIRA AKIZE AGAHANGA. UBU AGIRA AKORE IGIKORWA BARAYE BAMUSHINZE, CO GUKORERA MURAYO MAKAMBI ABIRI YABATESHEJWE IZABO. UBU ABAPORONA BIYEMEJE GUHEBA ABATUTSI BAKEYA ( ABO BISE INCUNGU ) BO MWIKAMBI YABATESHEJWE IZABO BUGENDANA I GITEGA NO MWIKAMBI YABATESHEJWE IZABO RUHORORO I NGOZI. IVYO BIKABA BIRIKO BITEGURWA NIYI KOMITE PEREZIDA WAYO NI: BUSOKOZA, ICEGERA CIWE NI GASUTWA ABANDI BAGIZE UWO MUGWI NI MANWANGARI, TASIYANO, NGAYIMPENDA NA NIYOYANKANA. KANDI MWONGERE MWIBUKE KO AKO KAGWI ARIKO KA BANGAMIYE BUYOYA, NGO NTAKWIYE KUGIRANIRA IBIGANIRO NABAHUTU!!!!!!! UBU RERO MUKUBURIZAMWO AMATORA YA 2015, BAGIYE KWIRARA MURIZO KAMBI BICE ABATUTSI, HAMA BACE BAVUGA KO RETA YATEGUYE IHONYABWOKO NKUKO BABIGIZE 72 BAKICA ABATUTSI BO MURUMONGE KUGIRA BARONKE INGENE BAHONYA ABAHUTU. RETA, BANYAGIHUGU BI NGOZI NA GITEGA MURAGABE MUBE MASO!!!!!!!!! IVYO BIVUZWE NUMUPORONA ATIFUZA KWONGERA KUBONA IVYABAYE 72 NA 93 MURAKOZE.!!!!!!!!

  • ari ko ndababaye!!! uwo yiyita uwamahoro ari mubategura kumara aba TAVUGA RUMWE NA DD ni imbonera kure none ari ko abishira kubandi !!!!! na we plan ayizi

    turabizi DD YATEGUYE IKINTU.KANDI NTACO MUZOSHIKAKO.bana nabandi;Reka abandi babeho .mbega muzokunguka IKI mwishe? atari umu vumo gusa .

  • Erega ncuti yanje #Matana uvuze vyo koko, kuko iyi DD ni yica,igatikiza kumwe Simbananiye na Micombero bica,izoba yikwegeye imivumo/

    Izoca iterwa n’intezi nka zirya ziriko zishikira Mporona.

    Erega ncuti mu gifransa barayamaze bati:"Qui chasse le mal,l’avance dans un bloc."

    Aho abo baporona amaraso basheshe ariko abatera iyi mivumo mubona. Harya mbere nta co bazovamwo. Bazokwama ari Imperekezabaronsi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.