Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > NSA yatanze imiliyoni y’amadorare ku mirongo ngurukanabumenyi (...)
NSA yatanze imiliyoni y’amadorare ku mirongo ngurukanabumenyi ikomeye
samedi 24 Myandagaro 2013
Igisata kijejwe umutekano muri Leta nzuze ubumwe za Amerika, NSA mu congereza, yatanze imiliyoni z’amadorari y’abanyamerika ku murongo ngurukanabumenyi wa Google, Microsoft na Yahoo kugira bashobore gukoresha ubuhinga bushasha no kumenya abanyamerika baba mu gihugu. N’ibishikirizwa n’ikinyamakuru The Guardian, mu nkuru yarungikiwe n’uwahoze ari umuhinga wa NSA, Edward Snowden.
Kubw’ishirahamwe Yahoo itegeko rigenga ibihugu bigize Leta zunze ubumwe za Amerika ritegeka Leta y’abanyamerika, gushumbusha iyo mirongo ngurukanabumenyi mu gihe iyo mirongo itegerezwa guhindura intonde z’ibikorwa vyayo kugira bashike ku mategeko asabwa.
Umurongo ngurukanabumenyi Microsoft nawo urabivugako. Google nayo, ivuga ko itarigera ija mu ntonde y’abanyamerika yo gusuma urusaku Prism nubwo ishirahamwe ryadomweko urutoke mu rwandiko rwa NSA, nk’uwutanga uburyo.
Mariella Bukuru