Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nta mukenyezi yarakwiye kwitaba Imana ariko aribaruka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Nta mukenyezi yarakwiye kwitaba Imana ariko aribaruka

Nta mukenyezi yarakwiye kwitaba Imana ariko aribaruka

vendredi 14 Ruheshi 2013

Kugabanya igitigiri c’abavyeyi bitaba Imana bariko baribaruka hamwe n’impfu z’abana bapfa umukenyezi ariko aribaruka canke inyuma y’aho nk’imisi 28 yibaruka nico civugo c’inama igira gatatu yateguwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa sida ufadikanije n’ishirahamwe FNUAP hamwe n’ishirahamwe AGOB ry’abaganga bavura ingwara z’abakenyezi (gynecologues obstetriciens), mu nyubakwa za Royal palace igenekerezo rya 14 Ruheshi 2013.

Kubw’umuganga Rufyikiri Tharcisse, iyo nama ifise intumbero yo gushira hamwe ivyiyumviro kugira barwanye impfu zishikira abakenyezi bariko baribaruka.
Kuva umugambi utanguye mu ntara za ruguru ku bakenyezi 100 000 bibaruka, 1700 nibo bitaba Imana bariko baribaruka ariko mu gisagara ku bakenyezi 100 000 baja kwibaruka, 500 nibo bitaba Imana.

Bagereranije naho igihe abakenyezi batanguye kwibaruka ku buntu na kera, ubu hariho akarusho. Ariko ngo hari ibigikenewe cane kugira barwanye burundu izo mpfu z’abakenyezi bitaba Imana hamwe n’abo bana kandi bariko baratanga ubuzima.

Harakenewe ibikoresho, imiti, abaganga babinonosoye. Ibituma ahanini habaho izo mpfu, n’uko abakenyezi batagira umugenzo wo kuja gusuzumisha imbanyi z’abo kwa muganga kugira barabe imbanyi aho igeze ntibishike giturumbuka, bamenye iyo mbanyi uko igenda irakura.

Ikindi naco hariho bwa bukene bw’ibikoresho hamwe n’ukurengerwa kw’abaganga ugasanga bafise abantu benshi bakira kuva hagiyeho wa mugambi w’igihugu wo kuvura abakenyezi n’abana ku buntu.

Muri iyo nama uwaje aserukira ishirahamwe mpuzamakungu FNUAP akaba yashikirije ko n’aho igitigiri c’abavyeyi bibarukira kwa muganga ciyongereye kikava ku bice17,8 kw’ijana mu mwaka wa 2000 kikaba gishitse ku bice 64,4 kw’ijana mu mwaka w’2011, naho iyo ntambwe ari nziza ngo n’ubu impinga iracari ndende.

Inguvu zirakwiye gushirwa hamwe kugira bagabanye bimwe biboneka igitigiri c’abavyeyi bapfa bariko baribaruka hamwe n’igitigiri c’abana bapfa bariko baravuka canke baba batarashikana iminsi 28 yo kubaho.
Ababijejwe bose bategerezwa kuja hamwe.

Uno musi nyene kakaba kari akanya ko kwerekana ibikorwa vy’ubushakashatsi vyakozwe n’abaganga hamwe no guhanahana ivyiyumviro kuvyo bokora kugira iyo ngorane ituzwe mu Burundi.

Iyo nama ikaba yari yatumiwemwo abaganga batandukanye bafasha muri ico gisata, ibimenyeshamakuru, abahurikiye mu shirahamwe AGOBE, abaserukiye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, abanyeshure bamwe bamwe biga mu gisata c’ubuvuzi, abakirizi, n’abandi banyacubahiro batandukanye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.