Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi b’umupira w’amaguru cumi ba mbere batunze bamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi b’umupira w’amaguru cumi ba mbere batunze bamenyekanye

Abakinyi b’umupira w’amaguru cumi ba mbere batunze bamenyekanye

mercredi 12 Ntwarante 2014

Urutonde rwakozwe n’umurongo ntangazamakuru Goal.com rw’abakinyi b’umupira w’amaguru batunze kurusha abandi, Cristiano Ronardo niwe mukinyi wa mbere kw’isi afise amafaranga menshi. Ubutunzi bwiwe buharurwa mu miriyoni 148 z’amahera y’amanyaburaya. Lionel Messi na Eto’o bakubita ibirenge aho avuye.

Ku myaka 29, Cristiano Ronaldo avuka mu gihugu ca Portugal yabaye umukinyi w’umupira w’amaguru wa mbere atunze kurusha abandi kw’isi yose. Aje gusubirira umukukuruke David Beckham. Ku rutonde rwakozwe n’umurongo wa Goal Rich List 2014, Cristiano Ronaldo niwe aza kw’isonga ry’abakinyi batunze kuruta abandi, inyuma yo gutwara umupira w’inzahabu mu mwaka w’2013. Kugira bakore urwo rutonde, baharura amafaranga umukinyi yinjiza haba mu mushara ahembwa, haba amafaranga yinjiza ava hanze canke amafaranga yinjira avuye mu bintu vyinshi, nko mu rudandazwa rw’imenyekanisha, hamwe n’ibindi.

Kuri ivyo basanze Cristiano Ronaldo yinjiza amafaranga angana imiriyoni 148 z’amanyaburaya, tuyashize mu marundi angana imiriyaridi 306.360 (306.360 milliards). Kuri ayo mahera, asumvya uwumukurikira, Lionel Messi w’imyaka 26, nawe afise 146 z’amanyaburaya.

Kuri urwo rutonde, hakurikira umukinyi wo mu gihugu ca Cameroun Samuel Eto’o w’imyaka 33 afise ubutunzi bungana imiriyoni 85 z’amanyaburaya. Ayo mahera bivugwa ko yongerejwe n’amasezerano yagiranye n’umurwi Anzhi Makhachkala wo mu Burusiya. Uwo akina mu murwi wa Chelsea aza imbere ya Wayne Rooney akina mu murwi wa Manchester United afise imiriyoni 84. Abandi bari kuri urwo rutonde n’abakinyi 3 bo mu gihugu ca Brésil nabo ni: Kaka imiriyoni 82, Neymar imiriyoni 80 na Ronaldinho imiriyoni 78.

Urutonde rw’abo bakinyi cumi batunze kurusha abandi

1. Cristiano Ronaldo - imiriyoni 148 z’amanyaburaya

2. Lionel Messi - imiriyoni 146 z’amanyaburaya

3. Samuel Eto’o - imiriyoni 85 z’amanyaburaya

4. Wayne Rooney - imiriyoni 84 z’amanyaburaya

5. Ricardo Kaka - imiriyoni 82 z’amanyaburaya

6. Neymar - imiriyoni 80 z’amanyaburaya

7. Ronaldinho - imiriyoni 78 z’amanyaburaya

8. Zlatan Ibrahimovic - imiriyoni 69 z’amanyaburaya

9. Gianluigi Buffon - imiriyoni 63 z’amanyaburaya

10. Thierry Henry - imiriyoni 57 z’amanyaburaya


cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.