IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > "Ntakabuza ukuri kuzoja ahabona naho hari abashaka kuguhamba"

"Ntakabuza ukuri kuzoja ahabona naho hari abashaka kuguhamba"

mercredi 11 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi ikigo c’i Kiriri basaba irekurwa ry’umuyobozi wa RPA Bob Rugurika. Kubw’abo banyeshure, ukuri yashikirije n’ubwo hari abagerageza gushaka kuguhamba kuzozuka.

Abanyeshure bo kuri kaminuza y’Uburundi bamenyesha ko Bob Rugurika ata kindi ariko arazira atari akarenganyo. Nk’uko bishikirizwa na Yozefu Sinzinkayo, umwe mu banyeshure baserukira abandi, amenyesha ko bipfuje gutera intege Bob Rugurika bongera basaba ubutungane gukorera kuvyo yashikirije. Abo banyeshure bavuga ko ivyo Bob Rugurika yagirizwa ko yamenye ibanga ry’idosiye iri mu butungane, abo banyeshure bavuga ko bibatangaza cane. Kubw’abo, iyo umuntu bivuzwe ko yamenye ibanga n’uko aba yavuze ukuri kw’ibinyegejwe. Bagira bati : "Ntakabuza ukuri kuzozuka n’aho hari abashaka kuguhamba."

Tubibutse ko Bob Rugurika yapfunzwe yagirizwa ivyaha bitatu, ica mbere kuba ataco yashikirije igihe ubwo bwicanyi bwariko burategurwa (manquement à la solidarité publique). Kuri ico caha, ingingo y’481 y’igitabu mpanavyaha itegekanya igihano c’imyaka iva kuri 10 gushika ku myaka 20. Ica kabiri ni gukorana n’abicanyi (complicité d’assassinat). Ico caha gihanishwa umunyororo w’imyaka 20 mu ngingo ya 38 y’igitabu mpanavyaha. Ica gatatu naco yagirizwa ni gutanga amakuru w’urubanza rukiri mw’itohozwa (Violation du secret de l’instruction). Umunyororo w’umwaka umwe ukaba ariwo utegekanywa n’ingingo y’393 y’igitabu mpanavyaha.


Floxella Karire

Messages

  • Ndabagaye gusa amahirwe nukonurimwishure bozobigisha hanyuma muzotebe mumenyeko ikintucose kivugiwe mumwanya ataruwaco biraheza bikononavyishi canke wewe ubivuze bikagukorako, nkakarorero nkumwigisha wanyu abigisha science kwiryoshure mwigako nubwo afisevyishi yobigisha bitari science ntashobora kubibigisha ariko araheza akabiganira numwigisha asanzwe abibigisha arikowe ntaburenganzira bwokubibigisha abafise, ndumvamukwiye kwigiswahakirikare koarivyiza kwinjira mubikorwa bitakuraba, akandikarorerokeza mugihugu harimwo abajejwe igendereza bazwi ariko umwenegihugu wariwewese harihibintu akora bisa nibikorwa rabaryabakora igendereza bazwi ariko kirazira kikaziririzwa kwiyerekana kwarivendereza uriko urakora hagize uwukumenya kohariho ivyukura wiyise uwujejwe igendereza uraheza ukabihanirwa ntakuvugango urumwenegihugu ngufise uburenganzira bwokwivayanga murivyose, mukabarero muzomara ayomashure muribitazi mwitegure kazozambi. Mbegamwarimuziko kugira urupapuro ruguha uburenganzira rwogutwara imodoka ushoboragusanga utarimuriwe gutwara imodoka zamokoyose!?

  • Jewe nibaza ko abantu boreka amajambo kuko muburundi ntiharagera ko yogoroyogoro yohindura ibintu ushaka urageza urore, mureke rero kwibabariza ubusa mbe Bob aho yakora akazi kiperereza yari yabuze icakora? umuntu nakore ico ajejwe nayahandi kino Gihugu abakirimwo ubu kera bitwa "ABAMENJA"ca wiyumvira umenje kuwahoze ari umumenja, caragwaniwe @

  • ewe lazare nawe wiyita uwera kandi wirabura mushaka mwovuga neza iconzi bitebe bitebuke bob azorekurwa na mbonimpa yararekuwe kandi nticabuza ko mwandika ivyo vyiyumviro vyanyu bigashe nimwikubite agashi uburundi nubwa twese

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.