Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Ntarigara dukeneye gusubira kwumva mu gihugu!" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Ntarigara dukeneye gusubira kwumva mu gihugu!"

"Ntarigara dukeneye gusubira kwumva mu gihugu!"

lundi 11 Munyonyo 2013

Mu gihe abajejwe intwaro n’umutekano bakunda kwumva abanyagihugu abidogera uturwi tw’amarigara arwiriye aha na hariya mu gihhugu c’Uburundi, ko abatugize babakubagura bagahungabanya n’agateka kabo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza avuga ko agiye kuduhagurukira atakinya.

Umukuru w’igihugu rero akaba yibutsa amabi y’utwo turwi tw’urwaruka na bamwe ndetse mu bantu bakuze, ataco bagomba guhereza iminwe atari ukunyaga utwo abandi babiriye akuya. Irigara rero ngo ni ishure ry’ububegito, aho bigira gufata abakenyezi ku nguvu, kwiba eka ndetse n’ugukora ayandi marorerwa menshi ateye isoni. Umukuru w’igihugu nyahubahwa Petero Nkurunziza akaba yemeza ko hagiye gukorwa ibiboneka kugira mwene iyo mirwi ituzwe, yijukire ibikorwa vyobateza imbere hakuzinduka, bakirirwa ku mabarabara, umunsi wose ugahera ataco bahereje amaboko.

Haba mu gisagara ca Bujumbura mu bice nka vyose, imirwi y’amarigara iriho ndetse hamwe ugasanga abanyagihugu baheba bakareka n’uguca mu tuyira baba bazi ko twigaruriwe n’abo batagira ico bakora. Abatinya kwibwa urukombamazi canke inkumi n’abapfasoni batinye gusinzikarizwa ubuzima, baraheza bagafata ayandi mayira nk’uko bivurwa na Jeanette Niyokwizera, umwigeme wo muri komine ya Nyakabiga avuga ko hari aho atoca buriko burira, ndetse no mu gatondo kare cane, agatanga akarorero, ibarabara riva mu Nyakabiga rija guhura n’iryitiriwe uwa 28 Munyonyo, aho no ku murango, uhasanga urwaruka rwuzuye, ataco ruriko rurakora.

Wawundi ati akari mu mpene niko kari no mu ntama, no mu ntara zo hagati mu gihugu, utwo turwi turiyo, natwo nyene tukaba co kimwe n’utwo mu gisagara ca Bujumbura tugabishwa n’umukuu w’igihugu ko tugiye gutuzwa vuba. Tukabamenyesha ko nko muri quartier Asiatique iri mu gisagara ca Bujumbura, amarigara yari amaze iminsi agisibije mu kwiba n’ayandi mabi yakorwa, ubu batujijwe nk’uko bivurwa n’abanyagihugu baho, bikemezwa n’abarongoye intwaro n’umutekano.


Aristide Nizigire

Messages

  • ego nukuri nabakure mumarigara nyimba hoboneka akazi bakore kuko bamaze kuba beshi kadi ugasaga biyicariye ataco bakora

  • Dufise cultur mbi mbe ni kuki batokora muhira iwabo nshatse kuvuga aho baba!!!Ariko ngo ni aba universitaire ngo barindiriye akazi ko mu bureau !!!Emwe ni babure gukura amaboko mu mpuzuda...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.