Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ntawuramenya irengero rya Raphaeli Mobutu kuva aho agiriye isanganya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ntawuramenya irengero rya Raphaeli Mobutu kuva aho agiriye isanganya

Ntawuramenya irengero rya Raphaeli Mobutu kuva aho agiriye isanganya

vendredi 25 Ndamukiza 2014

Umwe mu bana ba Mobutu Sese Seko yahoze arongoye igihugu ca Zaire (1965-1997) ntawuramenya irengero ryiwe gushika ubu inyuma y’iyinga iheze agize insanganya.

Raphaeli Mobutu Ngbonga yagize insanganya mw’ijoro ry’uwa 15 ushira uwa 16 Ndamukiza 2014, mu gihugu c’Ubufaransa aho yari asanzwe aba, inyuma yo gusimba ikiraro kiri kw’ibarabara rya Catalan acarwa mu ruzi.
Naho umuryango wa Raphael Mobutu uvuga ko yoba yaratwawe n’uruzi, igiporisi co siko kibibona, kivuga ko yoba ari ahandi hantu kuko casanze imodoka ya Raphael yasetse icuma co mu bwoko bwa "platane" cari hafi y’ikirararo c’i Toulouse.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru "Jeune Afrique", Yadongo Yemo Mobutu, mushikiwe wa Raphael Mobutu avuga ko we n’umuryango wiwe babandanya bizera ko Raphael Mobutu yoba yaravuye mu mazi, atatwawe.
Ibura rya Raphael Mobutu rikaba ryayobeye benshi gushika ubu, umuryango wiwe ukikeka ko inyuma yo kugira isanganya yoba yaciye arwa mu mazi gushika abajejwe gukinga impanuka bahashike bakamutwara.
Bivurwa ko Raphaeli Mobutu inyuma gushirwa mu muduga wamushikanye kwa muganga "Ambullance" yaciye awuvamwo aca afata inzira imujana ku kiraro.
Gushika ubu igipori c’i Toulouse n’umuryango wa Raphael bakaba bari mu vyambu ry’irengero ryiwe naho atacizere babona ko ashobora gutorwa mu maguru masha.

Mwomenya ko Raphaeli Mobutu Ngbonga ava mu muryango w’abana batandatu ba Mobutu Sese Seko, akaba na se w’abana batatu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.