IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ntibakiriwe na OBR kw’isango bari bahawe na SYGECO

Ntibakiriwe na OBR kw’isango bari bahawe na SYGECO

samedi 9 Munyonyo 2013

Abakenyezi bahora badandariza ibitenge kw’isoko bita "Kwa Siyoni" bari basidukanye n’iyonka ku munsi w’ejo kuwa gatanu bitavye akamo bari batewe na sendika y’abadandaza SYGECO kugira baje gutora ibitenge vyabo vyari bimaze ukwezi vyarafashwe. Ntibigeze bakirwa ku munsi w’ejo n’ikigo OBR kugira barihe amatagisicy’ivyo bitenge.

Abadandaza b’ibitenge bo kw’isoko "Kwa Siyoni" bari bamaze ukwezi kurenga barugariwe ibibanza bakoreramwo ku mvo y’uko basabwa kuriha amatagisi ku bitenge vyagirizwa kuba vyinjiye kuri magendu. Bari bahawe isango ryo ku munsi w’ejo kuwa gatanu ko baja mu kigo OBR (Office Burundais des Recettes) kugira barihe amatagisi angana n’ibice 35 kw’ijana, nk’uko sendika SYGECO(Sendicat Général des Commerçants) yari yavyemeranije n’ikigo OBR. Vyari bitegekanijwe ko abo badandaza baca bahabwa ibitenge vyabo, ariko ntibashoboye kwakirwa na komiseri ajejwe amatohoza muri OBR, Gaudence Ndayizeye. Yamenyesheje ko ari mu nama.

Mu kiganiro yari yagirishije buca abo bakenyezi baja kuriha amakori kugira bashikirizwe ibitenge vyabo vyafashwe, Audace Bizabishaka, arongoye sendika SYGECO yamenyesheje ko bumvikanye n’ikigo gitoza amatagisi n’amakori ya Reta, OBR ko abo badandaza botanga amafranga angana n’ibice 35 kw’ijana bagaca batahana ibidandazwa vyabo. Audace Bizabishaka yamenyesheje ko guhera kuri uwo munsi wa kane gushika mu kwezi kw’icumi na kabiri, ikigo OBR hamwe na sendika SYGECO bagiye kuvugana na Reta kugira barabe ko Reta yokurako birya bice 25 kw’ijana. Reta itemeye kuyakurako, abo badandaza bazoca bayariha mu mezi abiri, igice kimwe bazokiriha ku genekerezo rya 31 Munyonyo gushika ku genekerezo rya 31 Kigarama. Ikindi gice bazoca bakiriha kuwa 31 Nzero, mu mwaka w’2014.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.