Accueil > Amakuru > Amashuri > Ntibatahura ingingo yo gufuta umwaka wa mbere w’igice ca gatatu mu gisata (...)
Ntibatahura ingingo yo gufuta umwaka wa mbere w’igice ca gatatu mu gisata c’ubuvuzi
vendredi 7 Ruhuhuma 2014
Abanyeshure baribiyandikishije mu mwaka wa mbere w’igice ca gatatu c’amashure ya kaminuza mu gisata c’ubuvuzi, baratangazwa cane n’ingingo yafashwe n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’Ubushakashatsi Yozefu Butore, yo gufuta umwaka wa mbere w’igice ca gatatu nk’uko biri mu rwandiko yarungikiye ubuyobozi bw’ikigo ca kaminuza y’Uburundi .
Ku munsi w’ejo, igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2014, abanyeshure biga mu mwaka wa mbere mu gice ca gatatu c’amashure ya kaminuza bazindutse bugariza ibiro vy’umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi. Nk’uko bivugwa n’umwe muri abo banyeshure Maurice Nkurunziza, avuga ko imvo zabitumye bari bagiye kubaza igituma abanyeshure bari bahejeje imyaka ibiri, bari kuba bagiye kubandanya igice kigira kabiri c’amashure yabo hanze kuva mu mpera z’uno mwaka wa 2013, ariko amaso yaheze mu nzira.
Abo banyeshure bamaze kuhashika baciye barungikwa ku muyobozi atwara kaminuza y’Uburundi, aho baciye bahabwa urwandiko ruvuga ko umwaka wa mbere w’igice ca gatatu c’amashure mu gisata c’ubuvuzi uhejeje gufutwa muri kaminuza y’Uburundi, mw’ikete ryanditswe n’umushikiranganji Yozefu Butore. Ku bwa muganga Maurice Nkurunziza, mu gihe iyo ngingo yoshirwa mu ngiro inkurikizi mbi zoba nyinshi cane. Agira ati :‘’Ubwa mbere ho turazi ko abaganga b’abahinga ‘’spécialiste ‘’ni bake cane mu gihugu, ntibanoshobora gutunganiriza abarwayi babitura, bisigura ko n’abo bake bahari hazogera igihe baruhe canke basaze gurtyo bakazobura ababasubirira.
Mu gihugu rero abanyagihugu badafise amagara meza iterambere riragoye kuboneka.’’ Nk’uko abo banyeshure babandanya babimenyesha. Bavuga ko hamwe iyo ngingo yoja mu ngiro vy’ukuri, boba barateshejwe umwanya cane, mu gihe babahamagarira kuza kwiyandikisha kuko bamwe bataye ubuzi bahoramwo, bizeye ko bagiye kubandanya gukarisha ubwenge. Abo banyeshure rero basaba gusigurirwa ibiri kuri urwo rwandiko kuko batabitahura na gato.
Mu gihe bari biyandikishije, ntibumva rero ukungene itegeko risohowe kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma ryoza rifuta itegeko ryari ryisunzwe igihe baja kwiyandikisha. Kubwa Muganga Maurice Nkurunziza asaba Reta ko aho kwihutira gufuta uwo mwaka, ahubwo nikubite ibipfunsi hirya no hino irondere abagenzi b’Uburundi baterere mu buryo, nimba arico kibazo coba catumye ifata iyo ngingo.
Floxella Karire