Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Inyuma yo kurongorwa na inarume yavyaye abana bafise ubwoya umubiri (...)
Inyuma yo kurongorwa na inarume yavyaye abana bafise ubwoya umubiri wose
lundi 1er Mukakaro 2013
Abakobwa batatu bavukana baba ahitwa Peru mu Buhinde bahangayikishijwe n’uko batazoronka abagabo kubera ubwoya bavukanye bukwiye umubiri wose. ntako batagize kugira babutuze ariko haba namba. Abo bakobwa ni Savita, Monisha na Sivitri bavukanye ubwoya.
Savita w’imyaka 23, Monisha w’imyaka 18 na Sivitri Singli w’imyaka 16 bavukanye ubwoya ku mubiri wose. Ico shoboka rero hakenewe amafaranga agera ku bihumbi 4 500 vy’amafaranga y’amanyaburaya kugirango bavuzwe, ariko abavyeyi babo ntibabona uburyo bwo kuyaronka. Umukuru muri bo ariwe Savita, avuga ko yamaze kwihebura kuko n’aho adasiba kwisiga amavuta agabanya ubwo bwoya ariko vyaranse ko buhera bubandanya kumera ku munsi ku munsi.
Anita Raut nyina w’abo bakobwa, ku myaka 40, afise abana 6. Amenyesha ko vyavuye kuba yarubatse na inarume ku gahato aho yarafise imyaka 12 , ariko inarume ntabwoya bwinshi yarafise, mu nyuma bavyarana abana bamwe bafise ubwoya umubiri wose. Anita Raut yashatse kwahukana inyuma y’iminsi mike arongowe na inarume, ariko ntiyashobora kureka umugabo yahawe n’umuryango wiwe.
Aba bakobwa bavuga ko icizere co kuronka abagabo gitera kigabanuka, ngo kuko kugeza ubu batararonka amafaragna asabwa ngo bavurwe n’aho bagikoresha iyindi miti yo kugabanya ubwoya ariko bukabandanya kumera.
Prosper Ndayikeza
Messages
1er Mukakaro 2013, 12:39, par Epaphrodite
ni bakoresh amasengesho meshi ngura bizohera
2 Mukakaro 2013, 10:42, par koko
nibasenge wenda rugira azobibafashamo
5 Nyakanga 2018, 21:52, par Jules Nizigiyimana
ni barindir ic imana izobishura hagez!umugabo naw ntawuzi ic ashma umugor nibizer