Accueil > Amakuru > Poritike > Ntivyoroshe gutandukanya Conciliya Nibigira n’umuvugizi wa CNDD (...)
Ntivyoroshe gutandukanya Conciliya Nibigira n’umuvugizi wa CNDD FDD
mardi 15 Ndamukiza 2014
Mu kiganiro Concilia Nibigira arongoye UPRONA yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, ntiyashatse kwerekana aho ahagaze ku bijanye n’ibirwanisho bivugwa ko biriko biratangwa mu Burundi.
Concilia Nibigira amenyesha ko abasohoye urwo rwandiko avuga ko ruca ivutu, bokwerekana ivyemezo nibaba babifise, n’abo vyagirizwa nibaba bariho, bifashe abariko barabigira amatohoza. Mu gihe atavyemeza vyoba biriho, uwo mupfasoni asaba abakwiragiza ivyo bihuha, kwirinda iyo mvugo ica ivutu, igatoneka ibikomere vy’abarundi bitarazimangana, kubera akahise kabi mu Burundi. Asaba kandi kwirinda guca ivutu abarundi kuko bishobora gusubira kubaryanisha kandi atamvo zifashe zihari. Kuri ivyo nyene, agasaba abanyeporitike kugabanya imvugo iteranya mu binyamakuru no mu mboneshakure, bitwararike gukurikirana ibikorwa vy’urwaruka rubayoboka, na cane cane muri ibi bihe abarundi bimirije amatora.
Ivyo rero, uwo mupfasoni akaba yabishikirije mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ONU riherutse kugabisha Uburundi, ko bwokurikiranira hagufi itangwa ry’ibigwanisho vyahawe rumwe mu rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, kandi iryo shirahamwe rikagiriza bamwe mu basirikare bafise ipete rya general, kuba aribo batanze ivyo birwanisho, bakavuga n’aho vyatangiwe, n’ahabereye imyimenyerezo.
Bikagaragara ko Concilie Nibigira yanyarukije kwerekana aho ahagaze kubw’ishami ry’umugambwe arongoye, mu gihe muri uwo mugambwe naho bari muri Reta, ata matohoza bagize, kugira bafashe Reta kubeshuza ivyavuzwe na ONU.
Mu bibazo uwo mupfasoni yabajijwe haba ku kibazo kijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, ivyerekeye urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD zagirizwa gukubagura abatavuga rumwe n’ubutegetsi, Conciliya Nibigira bikaba bitari vyoroshe kumutandukanya n’aho yoba ari umuvugizi wa Reta y’Uburundi, canke uwoba ari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.
Yanse kwerekana aho ahagaze kuri ivyo bibazo nkoramutima bihanze Uburundi muri iyi minsi, hamwe akavuga ko arindiriye ko abo bafashanije kurongora umugambwe bavyiga, nawe aronke ico ashikiriza, ahandi agasaba ko ubutungane bwokora.
Aristide Nizigire
Messages
15 Ndamukiza 2014, 13:13, par abdulah
Burundi.Les Tutsi s’apprêtent à reprendre le pouvoir au Burundi par la force sous le prétexte de… « arrêter le génocide » comme cela s’est réalisé au Rwanda en 1994.
www.shikamafrancais.blogspot.com/2014/04/burundiles-tutsi-sappretent-reprendre.html
16 Ndamukiza 2014, 18:05, par Nwari
Uwakiryoheje akakiryosha no mubagumyabaga nuwambere muguhemukira abatutsi na baporona mugabo araraba neza umega abatutsi sicoroshe ?
16 Ndamukiza 2014, 19:05, par Faruk
Abavuga ni bavuge igihugu kirimwo abagabo kandi abishinga kuvuga bazotahira kuvuga cndd ntivuga iri ku kivi dusenga dukora dukora dusenga mana hezagira petero nkurunziza umukuru wigihugu agiye kuturongora 2015 nabarundi bose
16 Ndamukiza 2014, 20:56, par MWARIMU
Nwari ,umwana w,ishushu,yarerewe mwibarabara,atagiriwe amahigwe yokuregwa neza nkabandi bana bafise abavyeyi babavyaye,uyo NWARI,amaze gukurukura yaciye aja kuragira inka murukoko kuryi10 hampande y,iburinga,ninaco gituma mubona muvyo yandika atanvugo yurupfasoni birimwo,murimake yarezwe nabi caaaaane,NWARI uramaramaza urunganwe gwawe nukuri.
17 Ndamukiza 2014, 13:05, par NTWARI
EWE CONCILIA WARAHEMUKIYE ABAVYEYI BIRIGWA BARAHEKURWA ! UHEMUKIRA NIBIBONDO WAVYAYE KUKO WAFATANIJE AKAYIRA NABICANYI hejuru YUBUKUNZI BWINDA !!! waragotse , waramenje!!!rindira l’histoire en parlera!!!!!
17 Ndamukiza 2014, 18:50, par Nwari
Mwarimu jewe muze kukwibiza icururo zirega.5 urasubiriye kuntuka jewe ndumwana wishushu etc .mwarimu ngire ndagutuke ndakwikura nkanyoko yikura ikinya mushinya kugisundi :kanyoko mwarimu nyoko yuriye kurusenge ibinyare bikorokera muziko ati soma soma mwananje Mwarimu izoga yaboro irabonetse ok niba wibaza ngo niwewe uzigitukana wenyene ngiresubire ndakwisabe kanyako