Accueil > Amakuru > Ubutungane > Nyakabiga : Abamenyeshamakuru babiri b’abanyamahanga batawe muri (...)
Nyakabiga : Abamenyeshamakuru babiri b’abanyamahanga batawe muri yompi
vendredi 29 Nzero 2016, par
Moore Philip Edward wo mu gihugu c’Ubwongereza hamwe na Jean Philippe Rémy umufaransa akorera Ikinyamakuru Le Monde, bareye ijoro ryabo rya mbere mu gasho, inyuma y’aho bafatiwe n’igiporisi muri karitiye ya Nyakabiga.
Igiporisi c’Uburundi cafashe mu muhingamo wo kuri uwu wa kane abamenyeshamakuru babiri. Amakuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko mu gihe abaporisi bariko bakora ibikorwa vyabo ba minsi yose, baguye ku murwi w’abantu bitwaje ibirwanisho mu Nyakabiga.
OPP2 Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwo murwi w’abitwaje ibirwanisho wari kumwe n’abo bamenyeshamakuru babiri, Moore Philip Edward na Jean Philippe Rémy.
Umwe muri abo bamenyeshamakuru abonye abaporisi yaragerageje kwiruka, ariko aca arafatwa, mu giporisi c’Uburundi bagatangazwa n’ingene uwo mumenyeshamakuru yahunze igiporisi kandi yari asanzwe afise uruhusha rumurekurira gukorera ku gataka k’Uburundi.
Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko bane muri abo bitwaje ibirwanisho bafashwe, hamwe n’abandi cumi na batanu. Amatohoza akaba abandanya kugira uruhara rw’umwe wese rumenyekane.
IGIHE
Messages
29 Nzero 2016, 13:44, par Jean
Jembona Mwarabarenganije Kuko Mumazekubona Kwatarabirabure Mwacamubareka Kuko Barikukazi Naburya Muvugako Barinuruhusha.
29 Nzero 2016, 14:30, par Kabango
Ngo bane bafashwe naba 15, nukuvugako abo bandi 15 nabenegihugu barengana
29 Nzero 2016, 15:07, par Haji
Abobazungu nizokwezi zibara nukuaboha vyakarorero nikuki bari mumurwi ugwana nabonyene bari abagwanyi
29 Nzero 2016, 15:07, par None?
Sha Jean, urintakigenda erega ntibabafatiye kubera barimu Burundi, ubikurikiranye nubwontarumunyamategeko bafatiwe ibintu 2 icambere kubabarikumwe numurwi wabantu bitwaje ibirwanisho kandi atarinzegozizwi namategeko mugutunga ibirwanisho, icacabiri nuko nimba umumenyeshamakuru yemerewe kurondera amakuru mubitwaje ibirwanisho batabifitiye uruhusha kuberiki babonye abaporisi baciye biruka? Mubazigutohoza bacababonako hariho ikintu kitariciza biyojeje. Icorero nokubwira nuko utobonagusa kobabatwaye kubafunga ahubwo igikomeye bagiye kubakorako amatohoza ubwambere kandi niyakomeye muritwebwe abarundi gusumba kubafunga. Abajejwe ubutungabe barambabarira nijiye nibikorwa vyabo.
29 Nzero 2016, 15:15, par Rwanyonga
Bari baje gufata amafoto ngo bandike mubinyamakuru kwisi hose ko iburundi byacitse ko babonanye n’imbonakure zishaka kumara abantu!! Imana ikunda uburundi izajya yerekana ububisha bw’abo. Muzarebe ukuntu bandika hose (RFI, Le monde, Libre belgique,...) ngo i Burundi hari rebellion kandi itabaho usibye guhimba.
29 Nzero 2016, 15:15, par Rwanyonga
Bari baje gufata amafoto ngo bandike mubinyamakuru kwisi hose ko iburundi byacitse ko babonanye n’imbonakure zishaka kumara abantu!! Imana ikunda uburundi izajya yerekana ububisha bw’abo. Muzarebe ukuntu bandika hose (RFI, Le monde, Libre belgique,...) ngo i Burundi hari rebellion kandi itabaho usibye guhimba.
29 Nzero 2016, 15:17, par Burundi jean
Barungikeke Iwabo Vyihuta Guko Bariko Bakorera Uruhande Rwabansi Bigihugu ,Nibo Batanga Amakuru Aca Ivutu Amakungu Bigatuma Amakungu Akorera Kubinyoma.
29 Nzero 2016, 16:35, par biragoye
Kuberako abazungu aribo nkwezi yamarere muburundi,nibabime uruhusha bagumiwabo.
29 Nzero 2016, 18:31, par Iribuka
Erega Izonjavyi zikorera nkurumbi ntaco zicibanga mugabo abo bazungu n’ibamba bararura,nibihende sha babagire nkabamwe bafata bwaca bakabatora ibiziga,barabe ko abazungu batabereka akaminye izuru ingurube
29 Nzero 2016, 19:22, par JOHN ARSENAL
nibafatwe.kuk abonyene nibo batuma igihugu kigwa mumanga.kuko ninabo bacocora intambara.hama bikagira reta.sha nareta yaragowe pe.
29 Nzero 2016, 20:10, par EMANWEL
AHUBWO BANYAKUBAHWA ABJEJUMUTEKANO MWODUHA ABOBANTU BABANYAMAHANGA BAZA KUTUVYONGERIGIHUGU TWOMENYICO TUBAGIRA NTABWODUSHAKA ABAVDURUNBANIRIYA IGIHUGU NIBATAHIWABO NANBA BANANIWE GUKORAKAZI NEZA
29 Nzero 2016, 20:32, par NEVER
NIBABABAYE NEZA!
29 Nzero 2016, 21:17, par Mutama
Abo Banyamahanga Bigira Abamenyeshamakuru,abavugabutumwa,abagiraneza eka n’abandi bakora ibitandakunye Nukubaraba Neza Umuntu akamenya ibikorwa vyabo kumusi kumusi
26 Mukakaro 2017, 22:36, par Edouard
izonkozizikibi Nibamwe Baducafuriza Igihugu Ngo Ntamutekano Uri Muburund Bashaka Kudusubiz Inyuma Ahubwo Abajejwe Umutekano Nibacung Natw Abanyagihugu Twicung Ntihagir Uwuza Araducafuriz Igihug Twahaw Nimana