Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Nyakabiga : Bijukiye gukinga ikiza ca kolera
Nyakabiga : Bijukiye gukinga ikiza ca kolera
lundi 2 Nyakanga 2013
Kugira birinde indwara zivuye kw’isuku rike aho twovuga nk ‘ikiza kolera cahitanye abantu batari bake, musitanteri wo muri komine Nyakabiga akaba yarateguye amanama agamije kwugara uburiro bumwe bumwe budakwije ivyangombwa mu vyerekeye isuku.
Musitanteri wo muri komine Nyakabiga, Eric Nkurunziza yamenyesheje ko kugira barwanye ico kiza klera, abajejwe intwaro barateguye amanama ku banyagihugu bo muri ako gace. Izo nama zikaba zivuga ingene kolera ifata ukuntu ikwiragira hamwe n’ingingo zose kugira umuntu ayirinde. Nkurunziza akora mw ‘ishirahamwe Regideso yagize icashikirije nawe ku vyerekeye gukinga ico kiza. ishirahamwe Regideso ryashizeho ama bornes Fontaine mu ma karatiye atari afise amazi nk ‘ikaratiye ya Nyakabiga.
Musitanteri wa komine Nyakabiga akaba yarahimirije abantu bose bakora mu mazu y ‘uburiro ko bofata neza aho basanzwe bakorera, ndetse bamwe bamwe mubafise uburiro barahisemwo kuhugara, abandi nabo bashimye kububomora kuko butakwiza amabwirizwa y ‘isuku. Akarorero ni uburiro bumwe bwari hafi ya kaminuza y‘uburundi bwabomowe nabanyenebwo nyene. Mu bintu bisabwa kugira umuntu ashinge inzu y ‘uburiro mu gace akariko kose, musitanteri wa komine ya Nyakabiga yamenyesheje ko hategerezwa kubaho amazi meza. Kandi naho umuntu afungurira hategerezwa kuba hameze neza, ni ukuvuga ko inzu itegerezwa kuba yubatse neza, irimwo ibvyangombwa bikenewe amameza, intebe zimeze neza, aho hagaca hongerako utuzu twa surwumwe nabwonyenre bukoze neza.
Mu gihe rero inzu y’uburiro izoba idakwije ivyangombwa, ntizokwemerwa kwugurura. Eric Nkurunziza musitanteri wa komine ya Nyakabiga, yamenyesheje ko uwufise inzu y ‘uburiro atangure gukora ategerezwa kwerekana ikete rimwemerera gukora ku mugaragaro ahawe n’ubuyobozi bukuru bw ‘igisagara ca bujumbura.
Floxella Karire