Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Nyakabiga : Igice c’ishengero Guérison des âmes cahiye kiratokombera
Nyakabiga : Igice c’ishengero Guérison des âmes cahiye kiratokombera
lundi 21 Ndamukiza 2014
Ishengero Guérison des âmes ryo mu Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura ryahiye riratokombera, aho ahasinzikaye cane ari ahasanzwe habikwa ivyuma bikoreshwa mu guhimbaza Imana.
Nk’uko abakristu bo kuri iryo shengero babitwiganiye, iryo shengero Guérison des âmes ryafashwe mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana ushira uwa mbere. Ahatanguye gufatwa akaba ari ahasanzwe habikwa ivyuma, aho bibaza ko uwo muriro woba waturutse ku ntsinga z’umuyagankuba. Ico kibanza basanzwe babikamwo ivyuma bikoreshwa mu guhimbaza Imana kimaze gufatwa, kikaba caciye kidomeka mw’isengero, ariko Imana ikaba yakinze isengero ntiyahiye rwose, kuko igiporisi kijejwe gukinga impanuka caciye kihashika vuba, kirazimya.
Mukamenya ko abakristu bo kw’ishengero Guérison des âmes co kimwe n’abayirongoye bari batamariwe, mu gihe ku munsi w’ejo igenekerezo rya 20 Ndamukiza bavuga ko bari bahimbaje Pasika mu kanyamuneza kadasanzwe. Ugusha kw’isengero yabo rero, bakavuga ko ari ibikorwa bibi vya satani yaje kubavangira, mu gihe n’ubu bari bacigina intsinzi y’Umwami Yesu Kristu yazutse mu bapfuye. Abasanzwe bahasengera, bakaba bariko barakubura, bongera basohora umunyota n’intebe.
Aristide Nizigire
Messages
21 Ndamukiza 2014, 11:01, par Baranyizigiye Evrard
Imana yerekany intsinz yay kuk ntawayo yahasiz ubuzim ivyo navy iyabibahay izosubir ibibah ndaz ko ukwizer bagufs
21 Ndamukiza 2014, 13:19, par BOTEFITINA Augustin
Ivyo n’igere ryanyuma rya Satani kuko twari tumaz’iminsi tumwitamba k’umuvyimba ngene Yesu yamujojanze maz’akamwambur’urupfunguzo,noneho Akazuka,ah’abarinzi b’lmva basigaye batamariwe.Humura bene Data ntimugacik’intege,mugiye gushumbushwa Umurengera,nk’uko tubisoma muri Luc 17 ngo ntacabagerageje kitar’ico kwihanganira.Amahoro,Imihezagiro,N’imigisha biva kwa Data watwese bibashikeko,namwe mugume kumavi kukw’Iyavuze Ntibesha.
22 Ndamukiza 2014, 08:56, par Dieudonné
satani yerekanye combien de fois il est faible.ubwiza bw Imana buzoguma bugaragara.
15 Ndamukiza 2017, 20:15, par Nsengimana Cyriaque
Kundukira Iyi Ndirimbo Ibona Kuri Carte Memoire