Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nyakabiga : Igice c’ishengero Guérison des âmes cahiye kiratokombera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Nyakabiga : Igice c’ishengero Guérison des âmes cahiye kiratokombera

Nyakabiga : Igice c’ishengero Guérison des âmes cahiye kiratokombera

lundi 21 Ndamukiza 2014

Ishengero Guérison des âmes ryo mu Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura ryahiye riratokombera, aho ahasinzikaye cane ari ahasanzwe habikwa ivyuma bikoreshwa mu guhimbaza Imana.

Nk’uko abakristu bo kuri iryo shengero babitwiganiye, iryo shengero Guérison des âmes ryafashwe mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana ushira uwa mbere. Ahatanguye gufatwa akaba ari ahasanzwe habikwa ivyuma, aho bibaza ko uwo muriro woba waturutse ku ntsinga z’umuyagankuba. Ico kibanza basanzwe babikamwo ivyuma bikoreshwa mu guhimbaza Imana kimaze gufatwa, kikaba caciye kidomeka mw’isengero, ariko Imana ikaba yakinze isengero ntiyahiye rwose, kuko igiporisi kijejwe gukinga impanuka caciye kihashika vuba, kirazimya.

Mukamenya ko abakristu bo kw’ishengero Guérison des âmes co kimwe n’abayirongoye bari batamariwe, mu gihe ku munsi w’ejo igenekerezo rya 20 Ndamukiza bavuga ko bari bahimbaje Pasika mu kanyamuneza kadasanzwe. Ugusha kw’isengero yabo rero, bakavuga ko ari ibikorwa bibi vya satani yaje kubavangira, mu gihe n’ubu bari bacigina intsinzi y’Umwami Yesu Kristu yazutse mu bapfuye. Abasanzwe bahasengera, bakaba bariko barakubura, bongera basohora umunyota n’intebe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.