Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Nyakabiga : Ishavu riraniga ku badandaza
Nyakabiga : Ishavu riraniga ku badandaza
lundi 22 Ruheshi 2015
Agasoko ka Nyakabiga ntigakora neza bivanye n’uko atabantu bakwiriye baza kuhasumira, ariko abadandaza barafise icizere ko mu minsi kazosubira kurema nk’uko vyahora.
Kuva imyiyerekano itanguye mu gisagara ca Bujumbura yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, uretse ko n’izindi zimwe zimwe zo mu gisagara ca Bujumbura zitarema neza, iyo mu Nyakabiga nayo yarahuye n’ingorane zo kubura yaba abahashorera ibifungurwa bikwiye, ndetse n’abahasumira. Ako gasoko ka Nyakabiga gaherereye munsi ya kaminuza y’Uburundi, ikigo co ku Mutanga, abadandaza bo muriko baremeza ko hari ingorane nyinshi zituruka ku kubura abasumyi kuko benshi mu bahaba bimukiye ahadakunze kubera imyiyerekano, abandi barahungiye kure.

Domitien Ndabambarire n’umushonyi w’impuzu w’aho mu Nyakabiga, avuga ko abadandaza bake basigaye bagerageza kwanda ibidandazwa vyabo ariko ntabaguzi baronka. Domitien Ndabambarire avuga ko kugira isoko isubire ireme uko yahora, abanyeporitike bategerezwa kubanza bakumvikana, ingorane zihari zigatorerwa umuti.
Ariko naho biri uko, avuga ko abakozi ba komine bo, badasiba kuza gusaba ikori rya komine, abo nabo akavuga ko bisa naho baba baje kubakora mu nkovu. Cecile Nahimana nawe, ni umudandaza w’ibifungurwa, avuga ko amaze imisi itatu ataronka n’uwuza ku mubaza ibiciro vy’ivyo adandaza, ivyo bikaba bica intege abandandaza ndetse ibiciro vy’ivyo bidandazwa bikaba vyaranaduze.
Alain Kubwimana
Messages
23 Ruheshi 2015, 07:31, par emma
emma
banyagihugu banyakabiga humura ingorane nimwe mwaziteye harumuntu yabatumye kuja mumigumuko? ahubwo ndabahanura komwobuza abana banyu kuvuruga amahoro ngo ni 3 manda, ishavu riracabaniga nimurihe ikori rya leta kuko siyo yabatumye kwisamburirako
24 Ruheshi 2015, 19:09, par VITAL
AHUBWO NUKUBACIRUMUKENKE ICO NICO GIHANA
3 Myandagaro 2015, 15:08, par Niyonkuru
ok
3 Myandagaro 2015, 15:11, par Niyonkuru
Nisubire.Ireme.Twigurire.Kandi.Muduhe.Inyishu
12 Myandagaro 2015, 08:06, par chadrack
Emma ww uvuga ko abanyagihugu bakabiga ngonibobisamburiyeko ww urumusazi imana yagatatu niyonkweziyamarere kurubwo uti ww uvuyuko umuntu ahonya agateka kabo uti bahore ntihagire icobavuga wakimywamarasowe utangaje ubwo ngira wavumwe