IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga : Iyo hataba igiporisi ntaco baba batamirana abasuma

Nyakabiga : Iyo hataba igiporisi ntaco baba batamirana abasuma

jeudi 30 Nzero 2014

Abanyagihugu bakunda kwizimya akanyota mu masaha yitereye muri komine ya Nyakabiga, bavuga ko iyo hataba igiporisi ataco baba bagitamirana abasuma, mu gihe bari basigaye baza kwiba abariko barizimya akanyota.

Bamwe mu banyagihugu rero bayaze n’ikinyamakuru IGIHE ku mugoroba w’uyu wa gatatu igenekerezo rya 29 Nzero, bariko barizimya akanyota aho benshi bazi kw’izina rya avenue de la mort (avenue de l’imprimerie), bavuga ko iryo barabara ririko abasuma benshi bava mu mwonga wa Ntahangwa, bakaduga gusahura abantu yaba abariko bararengana, yaba abariko bizimya akanyota, eka no mu mihana bakaba binjirayo.

Nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro, abariko barizimya akanyota kuri nyabarabara, bakaba bariketse bamwe mu basore biyicaritse hafi y’ubwo bunywero, baca bahamagara igiporisi, mu kanya isase hakaba haciye haboneka ababacungerera umutekano, baraheza basoma batikanga hirya no hino.

Abo banyagihugu rero, bakaba bashimishwa n’ingene igiporisi c’aho muri komine ya Nyakabiga gikorana nabo, kandi bagashima n’ukuntu basa n’abatujije utwo turwi tw’abasuma twari tugisibije.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.