Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Nyakabiga: Umwanda niwo watumye amazu bakoreramwo yugarwa
Nyakabiga: Umwanda niwo watumye amazu bakoreramwo yugarwa
samedi 30 Munyonyo 2013
Igisata kijejwe kurwanya umwanda mu gisagara ca Bujumbura gifashanije n’abarongoye komine ya Nyakabiga, barafashe ingingo yo kwugara ubunywero bwose canke aho hose abantu bivunira inyota canke inzara, hadakurikije isuku, mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu indwara ziva kw’isuku rike.
Bmwe rero mu bugariwe ubunywero, bakaba bavuga ko batabona ukwo bagiye kubaho na cane cane ko aribwo bwari bubatunze. Eric Katihabwa akaba ari umwe mu bugariwe aho yahora acururiza. Avuga ko ubu atanguye kubaho mu buzima bugoye kuva bamwugariye aho yahora adandariza. Amenyesha ko atakandi kazi abona agiye gukora, kotuma abeshako umuryango wiwe. Abandi nabo bakavuga ko, ubunywero bwabo bwugawe igikubikubi batagishijwe inama, ivyatumye ndetse na bimwe mu vyo bari baraguze bica bibora, bagaca baja kubita, bakavuga ko bagize uruhombo rutagira ukwo rungana, ndetse n’umutahe wabo bakaba bavuga ko bizobagora kuwusubizaho.
Abanyagihugu baho mu Nyakabiga bakaba bashimishwa n’ibikorwa vyaranguwe n’abo bajejwe ivy’isuku mu gisagara ca Bujumbura, kuko bavuga ko indwara zo gucibwamwo zari zibangamiye imiryango yabo zivuye kw’isuku rike ryiraye muri amwe amwe muri ayo mazu, zigiye kugabanuka. Tukabamenyesha ko Ikinyamakuru IGIHE cigeze kugendera uburiro butandukanye bwaho muri komine ya Nyakabiga kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro uyu mwaka, gisanga uburiro bwo muri iyo komine ndetse n’amazu y’ubunywero biteye isoni, kuko urusazi arirwo wasanga ruduma mu bikoresho vyo muri ayo mazu, eka ndetse no mu bibanza abantu baba bariko barihemburiramwo.
Iyo ngingo rero, ikaba yafashwe bumwe muri ubwo buriro n’ubunywero ata na kamwe karisubirako, ngo kagarukire isuku. Amakuru ava mu bategetsi ba komine Nyakabiga, akavuga ko ari ingingo y’umugambi w’iterambere rirama ryo mu mwaka w’2025 wo kugira igisagara ca Bujumbura neza, igisagara kizira umwanda.
Aristide Nizigire