Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nyamitwe: ’’Uburundi buriteguye kwakira intumwa za ONU’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Nyamitwe: ’’Uburundi buriteguye kwakira intumwa za ONU’’

Nyamitwe: ’’Uburundi buriteguye kwakira intumwa za ONU’’

jeudi 21 Nzero 2016

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Nyamitwe, amenyesha ko Uburundi bwiteguye neza kwakira umurwi w’intumwa z’inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Mu gihe vyitezwe ko intumwa 33 z’inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zitangura urugendo mu Burundi kuri uno wa kane igenekerezo rya 21 Nzero 2016, Alain Nyamitwe amenyesha ko kwakira izo ntumwa ata ngorane biteye Reta y’Uburundi.

Ku bijanye no kuba umukenyezi Samantha Power aserukira Reta Zunze Ubumwe mw’ishirahamwe mpuzamakungu ari muri uwo murwi kandi yaravuzwe cane kuba ari mu batavuga uko ibintu biri mu Burundi, Alain Nyamitwe avuga ko ari ibisanzwe kuko yarungitswe n’inama y’umutekano muri ONU.

Mwomenya ko uwo murwi ugizwe n’abahinga,abunganizi,abamenyeshamakuru.


IGIHE

Messages

  • Uburundi twaragowe,ehe uyu murongozi,ehe ingene gasa nkifuku.

  • None muri abo 33 Samantha Power wenyene ni we abona ukwiwe uko ibintu biri mu Burundi? Aho hoho numva iyo ONU igizwe n’impumyi gusa.

  • None muri abo 33 Samantha Power wenyene ni we abona ukwiwe uko ibintu biri mu Burundi? Aho hoho numva iyo ONU igizwe n’impumyi gusa.

  • Jewe Kubwanje Novuga Nti Leta Y’i Burundi Nibareke Baze Amakenga Bafis Ahere.Natwe Turarindiriye Twumve Ikizovamwo.amatohoza mez adahengamiy ku ruhande na rumwe!!!

  • Karibu Samanta Uburundi Ninyabagendwa Abarundi Twese Turi Kukivi Kiretse Abarundi Bashaka Gukamisha Ikima Uzuvuge Uko Wasanze Bimeze Ataguhengama

  • izo sintumwa ahumbwo nintumva za onu, kuko zikorera kumambwire ntizigere zumviriza ivyo rete ivuga, rindira nubu muzoraba raporo bazotanga....izo nintumva!!!!!. icobazi bazi gukokeza....nokuvuga yamuhe

  • izo sintumwa ahumbwo nintumva.....bazi kuvuga yamuhe

  • Mbe Nikuki Batoja Mugwanda Mwibazako Baturonderera Amahoro? Ihibambewe Muritegure Abajejwe Umutekano Kuko Uwo Mugore E ee

  • UBU NUNVA YASHITSE INGORANE NUNVA AMAGRENADE YATANGUYE KUNVIKANA MUGISAGARA CABUJUMBURA UYOMUKECURU WUNV ARADUHANZE MUGAMENYE KWINKON ITARUZWA KBNDIKHNDI NACO NKURUNZIZA YAHAWE NIMANA NTAWUZOKIMWAKA

  • UBU NUNVA YASHITSE INGORANE NUNVA AMAGRENADE YATANGUYE KUNVIKANA MUGISAGARA CABUJUMBURA UYOMUKECURU WUNV ARADUHANZE MUGAMENYE KWINKON ITARUZWA KBNDIKHNDI NACO NKURUNZIZA YAHAWE NIMANA NTAWUZOKIMWAKA

  • Ariko Samatha Power ni yaba yabaye icitso c’abansi b’amahoro y’Uburundi kuva kera, mwibaza ko har’iciza kiza kumuvamwo muri iyi misi? Reka tubitege Imana y"Uburundi, iraza guca urubanza hagati y’ukuri n’ikinyoma. Nta ntambara dukeneye I Burundi nta n’ihonyabwoko dukeneye. Ariko ubundi vyotwungur’iki?

    Abo banyacubahiro baje kuko babeshwe n’ako kagwi ka ba mpemayuzuye. Ariko tuvugishe ukuri: Turavye intambwe igihugu c’Uburundi kigezeko, umuntu yoza kwikwegera ivyo vyo kugira genocide mwumva yoba akomeye mu mutwe? Kahise k’Uburundi ariko kerekana neza ko hariho abagiye bashaka kugira ihonyabwoko ku bandi, ariko ukwihangana kw’abarundi kwatumye batsinda abo bakozi ba shetani. N’ubu n’akanya gato gasigaye, bazotsindwa. Kuko abakunzi b’amahoro bari mu moko yose.

    Ikindi, ntihagire umuntu acibwa inkokora n’urwo rwamo rwabo bavuga ngo ni opposition ishigikiwe n’abanyagihugu benshi. Abanyagihugu babashigikiye n’abo birirwa bararasa abashinzwe umutekano. N’akagwi kabo nyene k’inkorabara. Baserukira abahe barundi? Batumwe na nde kuduserukira? Niba hariho opposition ikwiye kwemerwa, n’iyo ikorana na Leta y’i Bujumbura gusa. Ikindi kintu gitey’ubwoba cane, n’uko ikarata y’Uburundi twari tuzi umenga yarahindutse. Umenga Uburundi buzohava busigara bushushanywa nk’ubugizwe n’amakaritiye y’abagumutsi gusa, izindi ntara zihanagurwe.

    Abo bantu bariko baracuruza ibinyoma kuko bariye amahera y’Ababiligi n’Abanyamerika; batinya ko vyobateturukana imbere ya ba shebuja. Ariko, ikinyoma kimara umwanya ntikimar’umwaka, vyose bizoteba bibateturukana.

  • NAMENYE KOMUBURUNDI ABANYAGIHUGU NABAJEJWUMUTEKANO DUFATANYE MUNDA MUKURWANYE AGIRAMAREMENTANYA NGO HAGIYE KUBA IHONYABWOKO ATARIVYO IVYINTEKO NVAMAKUNGU YIBONEYEKO ABENEGIHUGU TUTAZIKENEYE YAVYIBONEYE INGENE ABANYAGIHUGU INGENE BAVYIYAMIRIJE NABARUNGIKE SOMARIYA HARINGORANE HABASODA BAKENYA BAGIZINGORANE TWEMUBURUNDI TUSHOBOYE UMUTEKANO NIWOSE NTIBAZE KUDUTERINGORANE

  • Nyamitwe Twarabaha Ivyanyu.Mbega Mwumvis Izontumwa Za Onu Muca Mutegura Imbonerakure Nabahoz Kurugamba Bomugihugu Kugira Berekane Ko Iyi Léta Ishigikiwe Nabantu Benshi?Mbemurazi Igice Kini Cabarundi Bahotegwa? Ntumwa Za Onu Ndabavuniy Akagohe Ntimugwe Mumutego Wareta Yatez Muntumbero Yokwigiruwera Kumabi Nuguhonyangamategeko Biriko Biraba.Bazoba Bari Mugihugu Hagati Munzira Muzocamwo Muja Ikarusi.

  • Aha,ndumva,mubundi,ntizigera,vyoroha?

  • Aaarundi Turashimye Ngira Abagirizwa Amabi Bose Ndizera Aho Bari Hose Ubwoba Bwabatekeye Ubona Bofatwa Bose Bakabarengutsa Bakahanwa Bisunze Amategeko Abarundi Ngira Tugiye Kuronka Amahoro

  • nivyiza turachaye ikaze ariko bazogerageze bagire ico bunganiye kuvyerekeye uburundi vyodukiza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.