Accueil > Amakuru > Poritike > Nyamurenza : Ikarashishi y’Imbonerakure itera ubwoba aba FNL
Nyamurenza : Ikarashishi y’Imbonerakure itera ubwoba aba FNL
samedi 24 Rusama 2014
Abari mu mugambwe FNL ishami rya Agaton Rwasa bavuga ko bari mu yabira, mu gihe urwaruka rw’Imbonerakure ku musozi wa Nyabikenke komine Nyamurenza babasaba kwinjira mu muhari wabo ku nguvu.
Nk’uko bamwe muri abo bagirwako iryo terabwoba bo muri FNL ishami rya Agaton Rwasa babibwiye bagenzi bacu bakorera iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu mu ntara ya Ngozi, bavuga ko Imbonerakure zizwi ku mazina ya Didiyo na Erenesito baja imbere muri ukwo gusaba abo bari muri FNL ishami rya Agaton Rwasa kuja mu muhari w’Imbonerakure, ahandi ho bakababwira ko bazibonerako. Abo bari muri FNL, bakavuga ko mw’ikarashishi ry’Imbonerakure ryo ku minsi ya gatandatu n’iy’Imana, Imbonerakure ziruka zigateba zigashika no ku mihana y’abo bari mu muhari w’Ivyuma vy’indege vya FNL.
Musitanteri wa komine ya Nyamurenza avuga ko ivyo atavyo yari azi. Dieudonne Niyonzima musitanteri w’iyo komine akavuga ko, aboba bagirwako iterabwoba bose boja ku mwitura agaheza akabatunganiriza. Ariko abo bari mu mugambwe wa FNL bo bakavuga ko hageze naho, abajejwe intwaro bababwira ko naho bogira urubanza batazoronka uwubatunganiriza, hamwe batoja mu mugamwe CNDD FDD, uri kubutegetsi.
Aristide Nizigire
Messages
24 Rusama 2014, 16:31, par Nagaterantimba
Ingorane nuko abo bose tubona kuri iyo foto, bose ntanumwe yoba na MUSITANTERI, Uko ni uguta umwanya. Abo biboneka ko harimwo n’abagwaye ingwara zo gufungura neza nibo bahiga benewabo??
26 Rusama 2014, 13:32, par NKESHIMANA
Mbega izombonerakure zomuri commune Nyamurenza baronderiki kurabo ba FNL bishinga guta umwanya bakwirikira ubwije? nibirekere CNDD-FDD yaramaze gutsinda isigaye ifise ikibazo c’ukuntu izoharura amajwi gusa abo bazimiye nimubihoze bapfire mukuzimira sinzico mubaronderako.
27 Rusama 2014, 07:39, par Jérémie
Mbega Iyomihimbi Batazivyobakora Baterubwob,abandi Ntibazikumuntukujammu Gambwe Agovye Aruburenzirabwi.Bantumurikubutegetsi Amatoraregereje Mugovye Mwogabanya Iryoterabwoba
2 Nyakanga 2015, 19:11, par dadj
jed
20 Gitugutu 2016, 10:17, par bizimana sebasiyano
inyamurenza nibare ke kunya dyana kubera imi gabwe niduku ndane ibyoni byo bitera inta mbara kutu mvikana kwaba rundi kandi turiba mwe ahotwocu nze umutekano wigihugu cacu nitwe twi dyanira nibi reke amatora iyoaheze nimi gabwe iba iheze haba hasigaye akazi nukwidaga dura tuga tegera ibyo munyuma dukunda ne inyamure nza muntara yangozi tureke ibyi mi gabwe bira tudya nisha mubaba nyi biga tuma tutu mvi kana tu rasaba bigi she urukundo kusu mba imiga bwe bireke biba ndanize bizotuge zahabi inyamurenza dukundane