Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nyangoma: "Impera n’imperuka Reta y’Uburundi izoja ku meza y’ibiganiro" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Nyangoma: "Impera n’imperuka Reta y’Uburundi izoja ku meza y’ibiganiro"

Nyangoma: "Impera n’imperuka Reta y’Uburundi izoja ku meza y’ibiganiro"

lundi 28 Nyakanga 2015

Leonard Nyangoma ukuru w’umurwi w’igihugu wishinze gukingira amasezerano ya Arusha n’intwaro ishingiye ku mategeko CNARED amenyesha ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza atari we atora abo baganira.

Umukuru wa CNARED avuga ko naho biboneka ko Reta y’Uburundi idashaka kuganira nabo batavuga rumwe,impera n’imperuka izoja ku meza y’ibiganiro,kuko n’abatwaye igihugu ubwa mbere ariko vyagenze.

Leonard Nyangoma avuga ko bitebe bitebuke umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azoganira n’urunani CNARED rugizwe n’imigambwe mikuru mikuru itavuga rumwe na Reta hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro ya politike.

Umukuru wa CNARED avuga ko hari uguhangana hagati y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza n’urunani CNARED kandi ko bitebe bitebuke umukuru w’igihugu azoganira n’urwo runani uko yova ku butegetsi mu cubahiro,gutyo hakurikire intwaro mfatakibanza izotunganaya amatora y’ukuri,yitabwe na bose kandi abaye mu muco.

Naho Reta y’Uburundi yamenyesheje ko ibiganiro bizobera mu Burundi,kandi hadakenewe umuhuza,Leonard Nyangoma avuga ko ibiganiro bbitegerezwa kubare hanze y’igihugu bihagarikiwe n’umuhuza w’’izo mpande zibiri.

Mwomenya ko urunani CNARED rwashinzwe mu kwezi kwa Myandagaro,rurimwo abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta,hamwe n’amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.


Van Naris Mugisha

Messages

  • mama nyangoma! uti: "impera n’imperuka izoja ku meza y’ibiganiro,kuko n’abatwaye igihugu ubwa mbere ariko vyagenze." mbe ubwo weho nturiko urasubira muvyo wari wahozemwe? mbe ubwo aboba bogereranywa na nkurunziza mu bahahoze uravye umwete afise mukunigagura abarundi nk’ibitungwa wotora nde? n’ubwo nabone atakigongwe bagira ndabona ko hari urugero batari bwashikeko nka nkurunziza. ko ubu afise intoko zica atacamira kandi n’ubucamanza budahangara, ko ubwo bucamanza nyene bwamaze kumwegukira be n’abo batatanije kuyogeza abacidadira ngo bavuge ukuri, ko bashoboye kwigarurira ururubuga rwo gutumatumanako rusigaye rukababara ikirwabisho(rtnb) ubwu iyo patience yawe ntiyoba ifitaniye isano n’uko utari hafi hamwe kandi nuko ngirango mu bawe mushikirana cane ku bw’amaraso batarahura buhure n’intumwa za nkurunziza?
    jewe kweli ndumva yuko unteye akoba kuko ico cizere ugufise muri nkurunziza yivugiyeko abatamwemera bazokwihigurira n’imina!!! ivyo biganiro ngirango azovyemera asigaranye abahutu gusa aheze aganire n’abazoba bacitse kw’icumu mugabo abatutsi bobo bakiri mu myaka yo kugira ikimazi ngira azoba asigaje ba nduwimana n’abandi bameze nkabo.
    reka rero kwizera ibitazoza nta kigongwe abarundi bazokwigera batera nkurunziza n’abiwe ahubwo ni mwihereko mugaruke ku Mana y’Imbabazi mwongere mutumirire ababayoboka kuyiypoboka no kwisubirako hanyuma tuyisabe ikigongwe mu kuri twongere tuyisabe n’indongozi zibereye igihugu cayo nayo izoheza ihinyuze birya binyoma n’agashinyaguzo ka denise na mugabo wiwe ngo bariko bashimira imana mugihe intumwa zabo ziriko ziratikiza abana b’Imana n’Uburundi.

  • Ayd Majambo N’ayagishingantahe. Arubaka Atandukanye N’ Ayo Ikigobogobo Jacques Bigirimana Atakindi Abona Atari Kuzuza Umuyika Wiwe N’ Aho Abantu Bohera. Turarema Rero Iyo Twumvise Ko Abashingantahe Bakirihe Bitebe Bitebuke Muzofata Ijambo Imihimbiri Isubire Mukibanza Cayo.

  • EWE NYANGOMA WATAY UMUTWE NABI NKURUNZIZ ARABASUMBA MWESE ABO MURI CENARED MWAGIYE MUMIGUMUKO MUMWIYAMIRIZA UBUNAHO MUGOMB IBIGANIRO NAWE.MUZOPFA MWIRUKA MUHUNG INKONA.KANDINKONA NTIYARUZWA,NIMURINDIRE SHA TUZOBAMESA HANYUMA TUZORAB IYOMIHIMBIRI YABAZUNGU ICIZOKORA.

  • iryo ni igere rya nyuma. ba murategura iyindi coup d’état ya 2020 nayo leta mfata kibanza yo mwipfuza muzorinda mupfa atayo mubonye. nimurindire nye impera n’imperuka.

  • Nambarukwica uracishe kuko ivyuvuga sivyomuriyimyaka yavuba kandivyobiganiro uvuga ntavyuzoshikirawewe nubwovyozoba simvuze kohabaharuwakwishe nkukomwebwe mugenzwanokwica, nshatsekuvugako uzobawarashaje, ndashakakukwibutsako atabaharanira ukurigusumvya abotwita aba Palepehutu nizereko ukibuka imyaka babereyeho baseregeta ariko warabonyeko bagiye gushikira ivyobaribagasavyekuvakera nyumayumwaka wibihumbi 2000 kandibaribakabisavye ngirango muzamirongo 80s cawibaza hagati ya 80 na 2000 nagatambuko cubonarero kugifise urugendo abobari abapalepehutu ntacaha coguterakudeta cabagira, ntacahacoguturira abantu cabagira, ntavyaha baribarakoze nkivyakozwe nicokirwicawe, icahabaribafise twovugako kwarukubera bari abahutu baharanira kwibona munzego ziyobora igihugu. Nizerekorero urinamatwiyokwumva ivyonavyowishimirije vyokuguma wicabarundi komeza mpaka nawewe wiyishe ntawukubuza nambubona arivyo bigufiriye akamaro ariko uzogera ahowicuza.

  • mwebwe aba cnared mugwanisha akarimi gusa.

  • Ati Ngo Bishinze Gukingira Amasezerano Y’i Arusha!!Ego Nakamuna Mbe Ni Bande Bazoza Gutwara Batazotorwa Akanenge? Ahubwo Amakungu Akwiye Kubikura Nyangoma Mumumenyesh Ko Indwano Itubaka Ahandi Ho Qui S’y Frotte S’y Pique!!

  • muvugako perezi nkurunziza yovakubutegetsi Atarangij imyaka 5Ntimukwiy nokwitwa abarundi.

  • Hehee Ew Nyangama Naw. Njany Nuko Wemey Ko Arumukuru W Igihugu. Hunguka Uj Muband Ukor Abo Bazungu Baguhenz Ngo Bazogufasha Guter Intambara Urabonako Bidashoboka.

  • Komera mutama Leonard.Mais turipfuza kubabona mubikorwa apana mumajambo.Kuko vyaturambiy ivya 3em manda! Urwaruka batumaz,nacanecane muma Quartiens yiyamirije 3e manda. Nimugir ico mukoz vuba nabwango,si no muzosanga twes batugiz ibimuga!

  • ntawutazi ko nyangoma asara mumutwe erega nyangoma ni umurundi nkabandi barundi ntabwo nyangoma ari uburundi, ivyo iyaza akabivugira mugihugu ahari abavuga ko ahaye aharanira uretse gusa huhimba imikate nivyayi hama agahamagara abanditsi bamakuru mugushaka guhonya abarundi kunyungu ziwe mukwitiranya ibihe aho yiyumvira ko abarundi bakiri hahandi
    "hewe abarundi ubu turi maso"

  • ntawutazi ko nyangoma asara mumutwe erega nyangoma ni umurundi nkabandi barundi ntabwo nyangoma ari uburundi, ivyo iyaza akabivugira mugihugu ahari abavuga ko ahaye aharanira uretse gusa huhimba imikate nivyayi hama agahamagara abanditsi bamakuru mugushaka guhonya abarundi kunyungu ziwe mukwitiranya ibihe aho yiyumvira ko abarundi bakiri hahandi
    "hewe abarundi ubu turi maso"

  • EWE NYANGOMA UBONEKA UNANIWE MUMUTIMA?VINYUMA YA PORITIKE .KUVA NDADAYE APHUYE WAHISEMWO KUGUMA WICA ABANTU KUGIRA UBE PREZIDA MUGABO VYARANSE.ENDA HEBA IYONGENDo.kuko uzorinda upfa utamubaye kuko amaraso arahuma

  • Nyangoma ubwenge bwawe buracuritse. mbe ibazako twibagiwe uko wataye mukaga umuhari CNDD FDD turi mukubira? wibagiweko tuzi intererano zarizahawe aba ZURU ko wahenzwe n’abatutsi biwanyu BURURI bakwemerera amaheraurabugurisha? Ubwato bwitwa COSOVU bwaribwahawe aba ZURU ntiwaburiye ukavugako aba ZURUbawe bakomeye bazogendan’amaguru kugira bafatwempiri? nyangoma urigipfu mumutwe cokimwe n’abakurinyuma. nawe uzoshima haricugezeko. mbe uzokwama mubuhungiro gushikaryari? tekereza,ataraho uzopfuyerera nk’umufa wok’urujo!!!!

  • uwo mugambwe bazowukunyanganya nkakurya bakugize kuri CNDD. ba uretse uzoraba igihe umwimbu uzoba ugira uboneke.

  • Nibumvikane gko bose nabarundi kand bamenye ko hari umucamanza abasumba vyose arabibona akinumira.

  • Komera Nyenicubahiro mutama Nyangoma,ivyo bitutsi vyizi mbonerakunya ntibikubabaze,wewe bandanya ibikorwa kandi dushaka ko bija mungiro atari umunwa gusa,rekana nuwo mukoma wurutwe n’imirazi NKURUMBI,komera President wacu Nyenicubahiro LEONARD NYANGOMA.

  • Bantu Mwese Twaremwe N,imana Ni Tureke Guterana Amajambo Kurya Yavuze Ko Icabona Ko .Ari Imana Erega Ntiyabeshe Imana Niyo Nkuru .Izo Duhinyuriza .Nimuze Dufatane Munda .Mwese Ndabipfurije Ijoro Ryo Umwasi Numukunzi .Thenk You!

  • Hinge nkubwire Nyangima wewe mugo runani ntiwihende nahogoja mubiganiro ntiwihende ngowogirwa umukuruwimfata kibanza ukayirongora nindwi imwe gusa tuzoba tutazi kurasa jury a muhaye muburagiza reta Niko namwe bizobagendekera noneho iyo Mindoro urikurota kumutaga urindire 2020 burya nicogituma mwanse kuja mumatira ngo murindiye itwaro zimfata bibanza muragowe pe

  • uwo mutifu avuga ngo nyangoma atwaye azoca arasa usanga igihe intambara igihe yaba yari mu burengete yiyagaza aho ashaka. Rindira uzorasa maiantusige inyuma kuraswa

  • NKURUNZIZA komera. NYANGOMA komera. Mwese mupfa ubugabo ariko ikibabaje n’uko aho impfizi zibiri ziniganiye ubwatsi aribwo buhasigara. Jewe ico novuga noshigikira ibiganiro kuri bose atamwana n’ikinono. Umuhuza mva makungu akaza kubumviriza utsinze kuvyiyumviro vyiwe vyiza akaba ariwe agarukira abarundi kuko barushe nukwama bicwa abandi bomoka. Nayo gushira imbere intambara, yoyo irasambura ntiheze ngo yubake. Kandi iyo iteye umwansi n’umukunzi barajana. Abashingantahe nico babereyeho, nimwemere mwese mwicarane muvugane, maze amahoro agaruke mugihugu.

  • Ariko jewe datangazwa n,amajambo y,abapagani hamwe n,inyandiko z,ibitutsi zabo.ko nei mu Burundi nka 95 kW,ijana Bose ari abakristo none ayo majambo ahumanye bayavana hehe? Ngira ngaruke kuri abo ba maze abantu Babica ngo ni prezida nkurunziza abica ,ngira ndababaze.,ninde yatanguje akagume yigisha urwaruka Gusara mu mabarabara,komeza we muhenda abantu b,imburakimazi ahokubigisha amahoro none muriko mubahonereza mu migumuko namwe mugaca mwidugira mu bicu Gusa mubi era imivyimba yabo who irunze .ni babishinge

  • nibazak ivya nyangoma na CNDD FDD vyahereye iyobari mw’ishamba abandi twobibarekana

  • MBE NYANGOMA NTURABONA KO URI IGIKORESHO? KOVYANSE URI MUGIHUGU UBU URI EXILE HO? BARAGUHENDA REKA PLAN ZOKUDUHONYA KUKO UMUNTU AGUTUTSE NGO URAGAPFA UYERERA NKA NYANGOMA ABA AKWISHE KUKO WEWE URI INSTABLE KUVA KERA.

  • MBE NYANGOMA NTURABONA KO URI IGIKORESHO? KOVYANSE URI MUGIHUGU UBU URI EXILE HO? BARAGUHENDA REKA PLAN ZOKUDUHONYA KUKO UMUNTU AGUTUTSE NGO URAGAPFA UYERERA NKA NYANGOMA ABA AKWISHE KUKO WEWE URI INSTABLE KUVA KERA.

  • Jewe ndu mututsi nahongirewe mubuhungiro singapfe ntwawe na Nyangoma numuhemu yaratwishe 93 aratugeseza none ubunaho avyiyumviye gute gufasha abatutsii yahonyeje imbere nije ndomwirasira ubwanje

  • Nyangoma muhaya mubona yomariraiki abarundi! iconzi mumubaze ibisusu vy’abagore aho hoho arabasobanurira ibinini ni ibitoya.

  • "Le combat des criquets enchante l’epervier"(traduction...)! L’Etat burundais et ainsi que les opposants au pouvoir dont je qualifierais "illégitime" doivent engager des négociations tacites pour délivrer du sort le bas peuple,victime des confrontations entre les 2forces concourantes. Cela n’est possible que grâce àl’intermédiaire d’un tiers diplômate dans les conflits fraternels comme l’avaient fait defunt Mwalimu Julius Kambalage Nyerere,defunt Nelson Mandela, S.E.Jacob Dzuma,Hn Tabo Mbeki et autres dans ce même fameux pt du monde,le Burundi! Je jette le tort surtout àl’observateur tant international que régional,seuls qui voient ce qui se passe au Burundi et restent les bras croisés sans rien faire! Je donnes àtitre d’exemple l’O.N.U,l’U.A,l’E.A.C,les U.S.A et autres. S’il vous plaît,deux parties au conflit ne peuvent nullepart se trancher l’affaire;faut un intermediaire!!Autorités burundaises,autorités en opposition,nous le bas peuple nous sommes vraiment lassés. "Bibwirwa benshi bikumva benevyo!!"...

  • Nyangoma arazi aho yadutaye kandi ndazi yarabonyeko atariho twagumye ubu turi mugisirikare cuburundi rero niyaba aziko ahoyadusize arihotukiri arazoza abe infata kibanza akabaziko turimugisirikare no mugi PNB azozeyitonda kuko kurasa niwe yabitwigije araziko kurugamba twaguma dusonga tujimbere tumubwiye duti sumurenga sumurenga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.