IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira Mbonimpa umwizero ni wose ko buca yidegemvya

Ababuranira Mbonimpa umwizero ni wose ko buca yidegemvya

vendredi 26 Nyakanga 2014

Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa bavuga ko bafise umwizero ko uwo mutama buca ahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, baravye uko baburanye bahuza n’uwaserukira Reta muri urwo rubanza.

Umushingwamanza Antoine Nzobandora asanzwe aburanira umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH akaba yerekanye uko abaganga basanze amagara y’iyo mboneza mu guharanira agateka ka zina muntu yifashe. Nzobandora akaba yamenyesheje ko umutima wa Mbonimpa usigaye utera nabi, amafyigo yiwe yifashe nabi, ndetse yahavuye aharwarira n’izindi ndwara, ibishobora no guhitana Mbonimpa, ari naco gituma yavuga ko akwiye kwidegemvya ivy’agateganyo, ubutungane bumukeneye, bukamutumako ariko ava iwe.

JPEG - 46.5 ko
Umushingwamanza Antoine Nzobandora

Uwaserukiye Reta muri urwo rubanza ariwe umukuru wa sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura Archade Nimubona, akaba nawe nyene yemeje ko Mbonimpa arwaye aravye ivyanditswe n’umurwi w’abaganga, mbere hari n’izindi ngwara basanze arwaye, zitari muzari zavuzwe, ariko nakwo gusaba ko ubutungane bwomurekura, ariko bukamukurikiranira hagufi.

Muri urwo rubanza rwari rwitabwe n’abantu isinzi barimwo bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abari mu mashirahamwe yo mu Burundi na mpuzamakungu, bakaba batashe bose bakoma amashi, abandi n’abo barwana mu nda, mu kwerekana ko umwizero bafise ko Mbonimpa buca yidegemvya inyuma y’amazi ane apfunzwe. Ingingo izofatwa n’ubutungane ikaba izomenyekana kuri uwu wa mbere, kuko sentare yashize mu mwiherero ibisabwa ko Petero Karaveri Mbonimpa yorekurwa vy’agateganyo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Sha ntibemeye kumurekura ngonukobakunda batinye ijambo OBAMA yavuze ejo ariko babikore bareke imisi iriko irahera tuzora mumezi make arimbdre.

  • Bategerezwa kumurekura bavyanka bavyemera. Kandi ndizera ko uwo mutama azobaharira kuko niwe buca abavugira mu gihe UHORAHO Azoba akimutije ubuzima. IMANA Imwongerereze kubaho, nico ndamwipfurije uwo MUTAMA W’IGIHUGU.

  • ntamugambi baribafise wokumurekura bahiyakoba.none ahotwavugiye bamurekure twebwe abarundi turagayitse uwemerwa ni obama,kuko yatavuga ntacarikuvamwo genda dd amabi wakoze arahaye intibagira ntibana ijwiryanje mube murarikuramwo mbona ntamumarowanyu

  • Umwe yiyita ngo ni mama kontamubona aba dd muramaramaye yooooo nandi buca mubarekura atawubinginze!

  • Abahutu mutegerezwa kugira ubwenge. Abanyaburayi ntibigeze narimwe bakunda abahutu. None ntimwapfa barorera. Ndadaye wanyu ntiyagandarwuwe baraho, murigera mwumva bamucisha mukanwa? Nayo uwo musaza Mbonimpa mushaka mwamurekura numucangero Ntazi ivyakora ni Twagiramungu wi Burundi.Ndabahanura abahutu nabandi bose bakunda u Burundi mwarimukwiye kurondera vuba ahandi mukura ibigwanisho kuko abo banyaburayi ntibazoruhuka batabashize hasi.Mwumvise ako gasuzuguro kabo muri Rpa ngo " ce Petit pays" ngo "leta yataye umutwe" . Murumva ukungene abahutu abanyaburayi badufata? Uwumva niyumve. Nimwasinzira ngo muri mukubaka AMA etage muzohera mwese

  • DD kananira abagabo ntiyimye ?muriyerekanye ko mukunda inda ??iyataba amakugu ntimwopfuye mumurekuye yaaaa ????%!!!!!!bavuze kobazibira amahera?????muti ntibishoboka ???twosubira kwiba iki???yaaaaahaaaaaaDD ko murabagabo mugumizeyo turabe???%%heeee mutama mbonimpa imana iguhe umugisha kuwambere tuzoza kukutahana wibanire numuryango wawe eka nabakuzi bawe iteka aho ryamye .... nyamizi buca yiyenda yongere yiyahure

  • Wumva ngo bari gukora iki? Le ridicule ne tue pas. Nta n’agasoni bafise. Nagomba ngo nzorabe ubugabo bwabo n’inguvu bama bahaya ko bafise aho ziri. Ariko barabesha. Akari inyuma karahinda. Ntidushobora kwemera ko bene wacu bafatwa nk’ibikoko, bicwa nk’inyamaswa, batwarwa nk’abataco bamaze. Izo nguvu CNDD-FDD ifise zitegerezwa kuja ahabona.
    Inyanka kubwirwa.....
    Murakoze!!!!

  • ubwo nubunyeshamba bubuzuyemwo aho DD ntimaramara iyo imurekura kare batarayifata mukanigo. mayina ntamutima igira wisoni .ivyo iriko irabona nintango nitisubirako

  • Oya bageze ngaha,erega mwibuke ko ari abarundi nkamwe!!!Uwumva yumvise gabanya akariro kuko buca bamurekura barabe ko bohema hehehehe.
    Nabone ntibavyumva ukuntu amakungu yabahagurukiye kubera Mzee Mbonimpa.
    Buca bamurekura hama umucanwa wa pression ubandanye no kuri baba MSD bari mw’ibuye ku musaga navya biziga mu Rweru,ubu ntagahengwe c’est le debut de l’humiliation creee et voulue par nos DD de dirigeants.
    Uwo mutama nawe Nzobonariba araribonye kuko yataye umutwe nibamuhe aga conge aruhuke.

    Ciao

  • @Manzi, humura ndakomeye ntacombaye mberendagushimiye kubona ko iyuhaciye akanya utumvise iciyumviro ntanze ucawumvako hariho ikibura, kubwivyorero nokubwingo rema kuko nafashe urugendo rwimisi 3 nzogaruka Burundi kumuhingamo wokumusi wambere ndizeyeko nkoguhera kuwambere nzotangura kubizintuguta abataribake rimwenarimwe nawe harihigihe ntakworohereza kugezanaho uheba ugakoresha amazina arenze 1 mugutanga ivyiyumviro vyawe arikontakibazo ikibi nugukoresha izinaryanje mugutanga ivyiyumviro vyawe. Ndizeyerero kucunyifuriza urugendorwiza kugiranzogaruke Burundi amahoro.

  • Mwese somye ibivyiyumviro vyanyu nciye mbona ko mwasaze mumitwe yanyu mukwiye kuja kwa rojanti akabaha imiti y’abasazi

  • Hahahahahahaa ndabonye icaba DD batinya harya babonye kwisi yabahagurukiye cari cabagiye nibihagarareko ubu ndabe baramurekura atakirinze gusabwa nkuko babivuze abanyaburaya na American urazi umuntu agutegeka ngo koriki atakudidinganya ntacurinze gusaba nikunguvu umuti. Waba DD wabonetse ubu hagira hakurikire izombonerakure hahaha CNDD FDD shwiragiraaaaaaaa!!!!! Murapfa mwangara nka gahini

  • Mama ndakwifurije urugendo gwiza,uzogaruke amahoro.mbonimpa ntazoba arekuwe kuko Obama nabo bandi barimwo kuvuza induru,ahubwo azoba arekuwe kuko amagara amukitse,kand’ico mwomenya nuko nicaha yakoze kitazoba kimuvuyeko.abandanya yagigwa nicaha,kuko ntabwo yejejwe,gusa ico yomenya nuko n’imbere y’IMANA icaha cukugomba guta igihugu mukaga kimuri kugahanga,sof acigaye imbere yabihebeyimana,mugire ukwihanganiranira mwese.kuko ukuri nikumwe,nuko yacumuye akwiye kwigaya agasaba ikigongwe imana na benegihugu!.

  • Uwo Mutama Mbonimpaa Bakabona Hari Ico Abaye Amaraso Yiw Azobazwa Abantu Batatu Peter Nkurunziza Adolpho Na Bunyoni Kuko Abo Nibo Bish Igihugu Cacu Ababikira Bagiz Ngo Baj Kumuvugira Bazany Ivyemeza Ko Ivyo Yavuz Atakinyoma Kirimwo Murabona Ko Baciy Bicwa Muntu Ukunda Uburundi Haguruka Twikurko Akagay Ka Ba Dd Kandi Birashboka

  • Ngo obama ntaz iy’uburundi buhererey??hahahaaa.iyaba muziko narya mwiba ariw avako ntimwar kumusuzugur ngo ntaz "carte du monde"naw wagazuye barategutej iy america ihererey nkesw gd poilisim obama.imvugo mwumv mukabare niz mwishur amakungu?reka guhendw nagatsima kab dd kamaz guher kunkoko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.