IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nzobonariba yagiriza abanywanyi ba MSD bari mu myiyerekano ko bari banyoye (...)

Nzobonariba yagiriza abanywanyi ba MSD bari mu myiyerekano ko bari banyoye urumogi

vendredi 14 Ntwarante 2014

Mu nama yo kuwa 13 Ntwarante 2014, abashikiranganji baragarutse kuvyabereye ku ngoro y’umugambwe MSD mu Kinindo. Inama nshikiranganji yaraneguye inyifato yerekanwe n’abanywanyi b’umugambwe MSD, ari nakwo guca bakeza abajejwe umutekano kuko bashoboye kwigumya, bakihanganira agasomborotso bariko bagirirwa n’abanywanyi ba MSD barongowe n’umukuru w’uwo mugambwe Alexis Sinduhije.

Inyuma y’iyo nama nshikiranganji, Reta y’Uburundi yarasohoye itangazo, aho bamenyesha ko ivyakozwe n’igiporisi mu kubohoza bagenzi babo babiri bagizwe imbohe vyabaye mu buhinga ntangere bageranije n’ivyahonekariye. Kubwa Firipo Nzobonariba, mu bindi bihugu, iyo habaye imigumuko nk’irya, inganda ziratikira, abantu benshi bakasiga ubuzima.

JPEG - 37.4 ko
Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Firipo Nzobonariba amenyesha ko ivyatowe muri iyo ngoro y’umugambwe MSD kuva aho abajejwe umutekano bahinjiriye, vyerekanye ko imigumuko yabereye aho mu Kinindo yari yateguwe, kandi vyabonetse ko abo banywanyi bari bateguye ko izomara umwanya munini. Muvyatowe muri iyo ngoro, Firipo Nzobonariba avuga imfungurwa, imiti, impuzu, ibiyayura mutwe, ariko akamenyesha ko Reta y’Uburundi ibabajwe n’ukubona igiporisi kitashoboye gutora ivyuma bibiri abaporisi baganirirako, ivyo bita amaradiyo, vyafashwe n’abo banywanyi ba MSD. Nk’uko bibandanya bivugwa na Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi, abajejwe umutekano ntibashoboye gufata inkoho n’ibindi birwanisho vyakoreshejwe n’abo banywanyi ba MSD yagiriza ko bari banyoye urumogi, ari nakwo guca asaba abavyeyi ko bokurikirana abana babo, kugira ntibasubire gukwegerwa mu migumuko n’abanyeporitike babanywesha ibiyayuramutwe.

Inama nshikiranganji y’Uburundi yamenyesheje kandi ko itangazwa n’amwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu, hamwe na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi badahengeshanya gushigikira abo banywanyi mu kuvuga ko bariko baharanira ubwigenge bwabo.


Egide Nduwimana

Messages

  • None har uwoshobora arya manyembwa nkariya ata ganja!

  • Nimba bari barunyoye barusangiye n’abapolisi !!!

  • Ahubwo tubakurikiranire hafi ntibacutse numutima wogusubira kugumuka,ayo maradio niyo sinduhije ariko arakurikiranirako ibikogwa vyigipolice,ahubwo abajejwe umutekano nibahindure ningoga canal nshasha,baribesha ntantambwe bazodutambukana.

  • Koko nukuri uri nzobonariba urarabanez utazohav’usanga ariwewe ucuruza ugworumogi wirigw’utangaza kukonakare usanzwe uri mubanywamaraso bakoze ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi

  • Ugorugabo rurota ico rukunda ivyavuga atari uwanyowe urumogi ntawundi muvugizi w’areta kwisi yovyubahuka atari nzobonarirwa ibara

  • uyo mutama uwosubizamwo ivyiyumviro yarafise imbere yuko bamuha nivyo avuga ubu biraboneka ko atawuvugana indya mu kanwa.Muta ivyarivyo vyose abapfa n’abarundi,yiba wari waraciye neza muri CNDD-FDD nari kukubaza icatumye bafata imkoho bakaja kurwana none ntavyo uzi.Ubutungane bukubaze nawe kuko wabonye bariko banywa urumogi ntiwabwira police urumva ko igihe babitegura mwarikumwe

  • Igipolisi c’uburundi ndagikeje ku buhinga bakoresheje!bararashe ntibica!ariko ndagaye abariko bashigikira abagumuka bagira imbohe abapolisi

  • Jewe ni ukuri sinshigikiye na gato ivyo Sinduhije nabiwe bakoze(kwanka gusubiza abapolisi bagize imbohe kandi abashingantahe bariko barabibingira kugira bime pretexte police yo gukora ivyo bakoze)mais sinemera insiguro zitangwa nabategetsi kuri comportement yigipolisi.Nimba Sinduhije nabiwe bari banyoye urumogi nibaza ko barusangiye nabapolisi kuko le comportement yabaye imwe kumpande zose.Nimba police itari yatumwe kwica ntagikorwa yakoze pe.Ou bien ntizi canke ntishoboye ivyo ikora ou bien irabuze inyigisho.Sinduhije nawe ntaworonka nuko amuvuga kuko mukirundi bavuga ngo kananira abagabo ntiyimye.Mbabazwa nurwaruka ataco rwigeze rwiga kuri bagenzi babo bo muri kahise.Umunyarwanda avuga ngo:«uwutaranigwa agaramye agira ngo ijuru riri hafi»umurundi nawe akongerako ngo«uwutaraburogwa avuga nobunya»urwaruka ni turabe neza.A bon entendeur salut.

  • Wamutama ati ntawuvugana indrya mukanwa,ese uwumvise filipo kera akiri umuvugiziwa RPB!!!Yooooooo muri bibilia ngo Yesu arari nanj ndarira pe.

  • Yooooo igihugu ntikigiye gukira basha nimba. Izonsiguro arizo mwari mumaze iminsiyose mugacerere mwiyunvira kudadikanyambenkuwobabaza abo ba police bariko barondera iki kuri permanancey’umugambwe. Sibo bagiye guhungabanya abarimuvyabo . Muraraba neza invugo mukoresha muzohava musanga mwishize mumutego .

  • Ewe nzobonariba; izina niryo muntu.hewe mu misi iza iyo nda izohoka sha.biraboneka k ata ntebe yishure mwaciyemwokandi ntabwenge ufise nagato pe..uraraba neza arya masanamu muri tele uzoca ubona ko ataco uriko uravuga.nuwaguhaye ubuvugizi ngira yaharuye abo wishe ntiyaravye ivyo wize.muvuge ibinyoma:mudendekeranya;amakungu nabarundi barabahinyuye kandi i ntwaro yanyu iratembagara nta kabuza.turabahaze.

  • Nimba aba msd bari banyoye urumogi abapolisi bobo bari banyoye cocayine!naw nzobonarirwa niyivugirire arahaze kwatakija kunywa akayiri musiyigiti mubwiza!ariko inyuma DD kuvuga nabi bizohera!

  • ariko ararazirana urwo banywereye mwishamba aho sikindi

  • natwe abarundi dukunda ivyo twizera nkizo nyamaswa twarikwibazako bizogenda gut?umwaka usigaye nimuremure bazoba bamaze konona vyinshi.bagende bagisenye.ubuho ntimuzoyiba

  • Ahobwo muburundi abapolice baracafise ikigongwe nico gituma babakengera,mbe iyo mihimbiri itera imidirumbanyo ntiboyiras mugutwi!!!!abahitanywa namazi yimvura bobo ntibabazitse bazirubusa????za murabarasa mudahushu,shoot to kill

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.