Accueil > Imibano > Urukundo > Nzomuguha wongere umutere iyindi
Nzomuguha wongere umutere iyindi
mardi 19 Ntwarante 2013
Umukobwa w’imyaka 16, yabwiye nyina ko amaze amezi abiri ataja mu butinyanka. Nyina agira ubwoba, niko kugura akuma gapima ko yibungenze (test de grossesse) aca asanga nyamukobwa arafise inda, maze si ukumutuka yiva inyuma ahamagara na se arabimubwira.
Maze se ashitse ati “Utegerezwa kumbwira uwaguteye iyo nda nkamufungisha !” Umukobwa afata telefone ahamagara umusore arabimubwira. Nko mu minota 30, umusore yari yahageze, aza mu modoka nziza cane (BMW 520 grise metallise), yambaye neza akeye, amaze gushika barakangukwa, bagira ngo ni umushikiranganji aje.
Nawe agishika aca arababwira ati ”umukobwa wanyu yambwiye ivyabaye ariko kubera umuryango wanje, sinshobora kumurongora ; gusa niyavyara nzomuha urupangu ku Mutanga , amaduka abiri n’umuliyaridi. Niyavyara umuhungu naho, nzomuha inganda zibiri n’umuliyaridi. Akaramuka avyaye amahasa naho ivyo nzobigwiza na kabiri.”
Uno musore aca abaza se w’umukobwa ati ”tugize ivyago inda ikavamwo ?” Ni uko umugabo amara akanya acecetse maze afata ku rutugu rw’umuhungu ati” nzomuguha wongere umutere iyindi.”
Jean Michel Ndayikengurutse
Messages
19 Ntwarante 2013, 11:23, par UMWANA
NANJYE AZAZE NDAYIMUTERE NZOCA MUHA INDEGE
19 Ntwarante 2013, 17:06, par gisanumwavu
Ewe basha, ingene uyu mukobwa asa neza, jewe uwo mumpa nkamutera inda, noca ndamuha ikiyaga tanganyika guhera i mpurungu muri zambia gushika aho ikayaga gihererea i bujumbura. C’est comme ca, il faut manger ces petites belle filles, c’est ca le role d’un homme digne de ce nom.
21 Ntwarante 2013, 08:08, par alice uwayo
Yemwe abavyeyi bubu none ntibagikunda abana babo kunda ibintu none gayemwe ngo inda niyakoroka ngo azomumuha amutere iyindi aho ni kubera amaronko none abavyeyi bena bo barakwiye kwikebuka bakamenya ko kazoza tukazeye kurwaruka.
23 Ntwarante 2013, 03:49, par Ernest
Yabababab ! Birababaje cyanee ! none se koko ababyeyi batekereza nk’uyu babaho kweliiii!
3 Munyonyo 2016, 15:51, par Hakorinoti
Nanjenomuronkanterindankuko?Uwomuhunguyemeyekuzamuhirakudutirumuduga Bmw Kugirayiyemere?Noneyamusigiyiki?